IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibirori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipiriyano Ntaryamira yitavye (...)

Ibirori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana

lundi 7 Ndamukiza 2014

Imyaka mirongo ibiri irarangiye, Sipriyano Ntaryamira yahoze arongoye igihugu c’Uburundi yitavye Imana. Abava mu mugambwe wiwe bagasaba ko ukuri kwoja ahabona ku bijanye n’urupfu rwiwe.

Hari kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza mu mwaka w’1994, aho umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sipriyano Ntaryamira yitaba Imana bivuye ku ndege yarimwo yakorowe ku kibuga c’indege c’ i Kanombe, igihe yari mu rugendo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Kuri uno munsi wa mbere, igenekerezo rya 7 Ndamukiza umwaka w’2014, imyaka 20 ikaba irumanye uwo yahoze arongoye igihugu c’Uburundi ashengeye. Ibirori vyo kwibuka uyo muhisi bikaba vyatangujwe n’inkuka y’imisa yari yitabwe n’abanyecubahiro batandukanye harimwo n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza.

Inyuma y’inkuka y’imisa yabereye kuri Cathedrale Regina Mundi, ibirori vyaciye bibandanirizwa ku ntatemwa ya Sipriyano Ntaryamira, ahahashinguwe ndetse n’abandi banyenicubahiro batandukanye b’Uburundi bashengeye. Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza akaba ariwe yatanguye gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa ya Sirpiyano Ntaryamira. Inyuma, hakurikira abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi, umuryango wiwe n’iyindi migambwe yemewe n’amategeko.

Iruhande y’iyo ntatemwa ya Ntaryamira, hashizweko ingori z’amashurwe ku bategetsi bapfiriye rimwe n’umukuru w’igihugu Sipriyano Ntaryamira, kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994.
Muri ivyo birori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipriyano Ntaryamira yitavye Imana, abari aho bakaba bumvirije ijambo umuhisi yasize avuze ko hakwiye “discipline”; ni ukuvuga “kugira indero” mu nzego zose z’igihugu.

Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya, ari mu bahoze ari abagendanyi b’umuhisi Ntaryamira akaba mbere yarabaye n’umukuru w’inama nshingamateka ku ntwaro ya Ntaryamira yamenyesheje ko ijambo umuhisi yasize avuze rifise uburemere kuko discipline ikenewe mu mice yose y’igihugu kandi ko iryo ragi rikwiye kuguma rikurikizwa.

Umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya

Ntibantunganya agira ati : “Abarundi bakwiye kugira discipline aho bari hose muvyo bajejwe bahereye mu mihana yabo. Nk’akarorero, mu gisata kijejwe gutunganya ibisagara, abukaba bakwiye gukurikiza amategeko bahawe mu kwubaka ku rutonde. Mu ntwaro, abategetsi bakwiye kwisunga amategeko mu gukora akazi bajejwe. Abacamanza nabo, bakareka guca izangondagonde baravye ka mwana wa mama, gutyo discipline izoheza ibeho mu nzego zose z’igihugu”.

Mwomenya ko muri ivyo birori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye Sipiriyano Ntaryamira ashengeye, umutambukanyi wiwe hamwe n’abana biwe batatu yasize ata n’umwe yashoboye gushika muri urwo rubanza.


BUKURU Mariella

Messages

  • Mbeg’abarundi bazoheba kubesha ryari?nibabebareka kkuduhender’IBIBONDO yagandaguwe n’Abahima bo m’Urwanda n’Ab’iBurundi burya Lehosiyo na SAC ntasize NININAHAZWE,ko baguma basemerera ntibigere babaz’amatohoza ya zirya ncabwenge zagandaguwe bunyamaswa n’ubwoko bumwe bw’Abahimantibamaramara?jewe ndabona biyebe bitebuke mbon’ambon’ABAHUTU bakanuye maremare ntibizoherera ng’aho ndabasaba ntibazojaniranye n’Abatsutsi kuko ntamututsi yishe kiretse nk’uwoba yarahenzwe n’agatabi ngo ntibazobibazwe bonyene mugabo banguha bizobokera bazosorana barabizinanyemwo uwuzini KIWI arikw’azir’akosho bene kumutumabigaramiye muma Divan.narabarahiye kw’ikibazo c’Abahima kitovangwa n’Abatsutsi kuko bafis’umugambi wo kutwinyegezamwo imvugira kuyamara y’umugabo ikindwa nabake nzobivuga nihagera iyobab’abo mpanura bokwihanye maz’Imana Ikabaharira .

  • Mbeg’abarundi bazoheba kubesha ryari?nibabebareka kkuduhender’IBIBONDO yagandaguwe n’Abahima bo m’Urwanda n’Ab’iBurundi burya Lehosiyo na SAC ntasize NININAHAZWE,ko baguma basemerera ntibigere babaz’amatohoza ya zirya ncabwenge zagandaguwe bunyamaswa n’ubwoko bumwe bw’Abahimantibamaramara?jewe ndabona biyebe bitebuke mbon’ambon’ABAHUTU bakanuye maremare ntibizoherera ng’aho ndabasaba ntibazojaniranye n’Abatsutsi kuko ntamututsi yishe kiretse nk’uwoba yarahenzwe n’agatabi ngo ntibazobibazwe bonyene mugabo banguha bizobokera bazosorana barabizinanyemwo uwuzini KIWI arikw’azir’akosho bene kumutumabigaramiye muma Divan.narabarahiye kw’ikibazo c’Abahima kitovangwa n’Abatsutsi kuko bafis’umugambi wo kutwinyegezamwo imvugira kuyamara y’umugabo ikindwa nabake nzobivuga nihagera iyobab’abo mpanura bokwihanye maz’Imana Ikabaharira .

  • Ndabasavye vous les soít-disant journalistes,informez-vous d’abord avant de nous«informer».Ntaryamira ntiyapfuye le 07 avril yapfuye le 06 avril.Ubiravye womenga ni agakosa ataco kavuze ariko mumenye ko twebwe dusoma inkuru zanyu turaba vyinshi kandi votre credibilité en depens.Merci beaucoup pour votre comprehension.

  • Yooooooh!!! Mbekarubwoko bumwegusa nincuti zuburundi gusa baje kwibuka igihe umuhisi perezida Ntaryamira yiciweko!? Twovugako abandibaribagiye mukibanza yiciwemwo? Nkaba Pacifique Nininahazwe, Vital Nshimirimana nabandintiriwe ndavuga ngaha? Cankebirashoboka bakaba bahari ariko bakigirakure!?

  • Imbere yiko ufundikanya ibitagira mvura ngo ba pasifike na ba vitali, ibishobora kwerekana iryo ugona, tangura urabe mwana wa mama ingene perezida n’umutambukanyi wiwe bari bashavuye kuri iyo foto. Ngira bagiye gukora ibishoboka vyose ngo ukuri kubahekuye uburundi n’abarundi kumenyekane. Nayo ahandi ho ubusya uwundi buroroha,

  • Nsomye ivyiyumviro vyabamwe muri mwebwe nkabona muvuga amoko numva iseseme gusa!Mbe mwibaza ko ayo moko muzoyashikanahe?Turi muri 2014 kahise karigakwiye kutubera TREMPLIN idushikana mukumvikana nokurekuranira hanyuma twubake igihugu!Naje atamyaka itatu irahera mpekuwe nabatompekuye simbona akamaro ko kuguma muririmba amoko!kandi abapfasoni turabereka ntimubona!!Murazi abadame bubakanye n’ababiciye abavyeyi uko bangana?Muraraba abo bavuga ngo baraturwanira ukuntu bashitse twubakana nabo atakuraba ngo barishije ayakanye kanke ayashushe ababo ,aho ntacirwa mwohakura??

  • Mushima ivyabo bidatomoye ahubwo barondera inyungu zabo. Niki catumye bahindura itariki ry’urupfu rwa NTARYAMIRA ? Iyo batwara ayo mashurwe le 6/04 vyari kumvikana , none ni kuki babishize le 7/04 ? Ngira nico gituma n’umutambukanyi wiwe n’ibibondo batahaserutse kuko batizeye abo bahutu batwara igihugu, ariko ga ntu hakabura n’incuti yiwe nimwe ihaseruka ? None mushaka kuvuga ko ata muryango yarafise ? Hakabura na Sebukwe ! Barundi muragabe muragabe ivyo CNDD-FDD iriko irazana mu Burundi vyo guhanagura ivyo batashizeho muragabe ! Hari naho agomba ko ariwe azokwama yibukwa be na Deniza wiwe ariwe Mana yabo ! ARIKO, AKATARETSE KABA GASEMA !

  • Discipline mundege, premiere roquette Ntaryamira demande àl’équipage du Falcon50 de Kinani alias Havyarimana et l’équipage de repondre Baza Simbizi hahahhhhaaa

  • Nibareke kutugira gugu bahende abata bibonye. Ntazovyibagira mbe ntibantunganya yokwibagira ko yakijijwe ni buruzi, n’igitenge c’umuyaya ryibagira uwarivuz nryibagira uwaribwiwe

  • NONE KUGIRA YITABE IMANA BIRAGARAGARA KO ARI ABAMWISHE NONE BAMUHOYE IKI? CANKE KUGIRA ABO BANA YASIZE NINYINA WABO KUGIRA NTIBAZE MURIVYO BIRORI BABIKUYE KUKI?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.