IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibohero rikuru rya Mpimba ryatewe n’impanuka y’umuriro

Ibohero rikuru rya Mpimba ryatewe n’impanuka y’umuriro

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ikibanza cegereye aho abakenyezi barara mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura caratewe n’impanuka y’umuriro mw’ijoro ry’ejo kuwa kabiri rishira iryo kuwa gatatu.
Abajejwe gutabara bahashitse kare, ari navyo vyatumye ata bintu vyinshi bihononekarira. Abakenyezi babiri bibungenze nibo bariko barakurikiranwa kwa muganga kubw’ikibazo bagize c’ukubura impwemu.

Abakenyezi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba mw’ijoro ryo ku munsi w’ejo kuwa kabiri bavyuwe n’imyotsi myinshi yabasanze aho bari baryamye. Ikibanza cegeranyo n’aho bari baryamye catewe n’impanuka y’umuriro mu gihe c’isaha umunani n’iminota mirongo itatu y’ijoro. Kubera impome z’iryo bohero zubatswe mu buryo bukomeye (Béton), uwo muriro ntiwashoboye gushwara ibindi bibanza, ari naco gituma umwotsi waciye uba mwinshi. Ico kibanza umuriro watanguriyemwo cahora gikoreramwo abariko biyigisha umwuga wo kubarira, ubu kikaba arico abana bavukiye mu Mpimba n’abazananye n’abavyeyi babo bahora bakiriramwo. Abo bakenyezi baciye batabaza hakiri kare abajejwe umutekano mw’ibohero rikuru rya Mpimba, igiporisi kijejwe gukinga impanuka kihashika kare, ari navyo vyatumye ata bintu vyinshi bihononekarira.

Umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba, OPC1 Bruno Niyonzima amenyesha ko uwo muriro waturutse ku ntsinga z’amatara za kera kandi zitunganijwe nabi. Muri iyo mpanuka y’umuriro, abakenyezi babiri bibungenze nibo bagize ingorane y’uguhumeka, bakaba bariko barakurikiranwa mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.
Imatera indwi n’imashini zine z’ukubarira nazo nyene zahiriye muri uwo muriro wamaze nk’iminota mirongo itatu.

JPEG - 34.9 ko
OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba

OPC1 Bruno Niyonzima, abifashijwemwo n’abaserukira ubushikiranganji bw’ubutungane, amenyesha ko bagiye gusubiriza izo ntsinga zononekaye, bongere basige irangi impome zasinzikajwe n’imyotsi y’uwo muriro.

JPEG - 36.4 ko
Uwo muriro waturutse ku ntsinga z’amatara

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.