IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igice c’amafaranga azokwubaka ingomero za Jiji na Murembwe yatanzwe

Igice c’amafaranga azokwubaka ingomero za Jiji na Murembwe yatanzwe

mercredi 6 Munyonyo 2013

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabou Abdallah Manirakiza hamwe n’uwuserukira ibanki y’isi yose mu Burundi Rachid Radji, ku munsi wa kabiri barateye igikumu ku masezerano y’igice ca mbere c’amafaranga azokora mu mugambi wo kwubaka ingomero z’umuyagankuba kuri Jiji na Mulembwe, mu bumanuko bw’igihugu, kugira ingorane z’umuyagankuba zibonekeza mu Burundi zihere.

"Amasezerano y’igice c’amafaranga duhejeje guterako igikumu n’uwuserukira banki y’isi yose mu Burundi angana imiriyoni zine z’amadorare y’abanyamerika. Ayo nayo akazofasha mu bikorwa vyo gutegura kwubaka ingomero z’umuyagankuba, na cane cane akazokora nko kurondera abahinga bazoshigikira ibikorwa bimwe bimwe vyo gufasha ishirahamwe Regideso, mu gutegura neza uwo mugambi." Ivyo vyashikirijwe na Tabu Abdallah Manirakiza, umushikiranganji w’ikigega ca Reta. Yamenyesheje ko uwo mugambi watangujwe na Reta y’Uburundi, mu ntumbero yo kugwiza inyubakwa nyinshi mu vyerekeye amazi hamwe n’umuyagankuba. Uwo mugambi ukaba uzofatwa mu mu mugongo n’ibanki y’isi yose ku mafaranga arenga imiriyoni 70 z’amadorare.

Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza yamenyesheje kandi ko hariho n’umugambi wo kuraba ingaruka zoba ku bidukikijie no ku mibano mu gihe izo ngomero bozishizeho.


Floxella Karire

Messages

  • IMANA IRAKOZE NDIZERE KO TUGIYE KURONKA AMATARA ARIKO MWIBUKE KO URUGOMERO ARITUNGA UBWAMBERE ABANYAGIHUGU BAHABA NTITUZOCIBWE HEJURU NI NTSINGA GUSA MWIBUKE ABABA MURAYO MAKOMINE. NTIMUTUGIRE. KUKO MWAGIZE IBITI VYARI KWIBARABARA RYA BUYENGERO CANKE NGO AYO MAHERA TUYUMVE MUMAJWI ABAGANDE NABAKENYA BIRIRE

  • IBITI VYATEWE NA BABIRIGI CANKE ABADAGI VYARI BIVUYEMWO AYOYUBATSE URWO RUGOMERO ATA DENI RIFASHWE ARIKO UBU BANK banki y’isi yose ITANZE AYO MAHERA AZORIHWA MURABE NEZA NTABE AYO KWUBAKA YAMA ETAGE ARIKO ADUZWA MU ZA KAMENGE NAHANDI NTAVUZE DUSABE HASHINGWE COMITE IKOMEYE IRIMWO NABO MUMUASHIRAHAMWE ATANDUKANYE AFASHANYE NA REGIDESO KUGIRA URWO RUGOMERO RWUBAKWE VYUKURI AHO NIHO DUHANZE AMASO MUREMBWE RUZI GWIZA CANEABA KENYA NA BAGANDE ABA CHINA BAKUYEYO UBUTUNZI BWINSHI ABANYAGIHUGU BARORERA IBITI BIGENDA BABONA EWE NTIBIBONEKA NEZA INGENE ABODUKINGINGIYE ARIBO BATURIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.