IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ihayanishwa > Ihayanishwa gurisha ry’ivyakozwe n’abanyamyuga

Ihayanishwa gurisha ry’ivyakozwe n’abanyamyuga

mercredi 20 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ry’umwuga n’umunyamwuga(Chambre Sectorielle d’Art et d’Artisanat) rifadikanije n’abanyamwuga bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, ryarateguye ihanishwa gurisha ry’ivyakozwe n’abanyamyuga mu ngoro ndangamico y’i Bujumbura(Palais des Arts). Ivyo bikaba kuva kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo. Iryo hayanishwa rikazorangira kuwa O1 Kigarama umwaka w’i 2013.

Nzeyimana Amadi, umunyamwuga w’umurundi kandi ari mu bateguye iryo hayanishwa gurisha, amenyeshako biri mu ntumbero yo kurahuranira ubwenge hagati y’abanyamyuga bo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko (East African Community). Ihanishwa nkiri ryama riba inyuma y’amezi atatu, ubu ribaye mu gihe abanyamwuga b’Abarundi 20, bakora imyuga itandukanye : gucura ibiti, kubaza, gushona n’ibindi, bahora mu gihugu ca Kenya aho bari bagiye kurahura ubwenge. Abandanya amenyeshako batanze ubutumire ku ba nyamyuga bavyipfuza bo mu karere turimwo. Ku kijanye n’ibiciro, abarundi bariha ikibanza amahera y’amarundi 75000frbu, abandi bakariha amarundi 200.000frbu ku minsi iryo hayanishwa rizomara.

Ku kibazo c’uko ayo mahera ashobora kuba impambamyi kubipfuza kwitaba ihanishwa, Amadi amenyeshako ari ugufashanya kuko ayo mahera ni make cane, agereranije nayo bariha iyo ngoro ku munsi ku munsi. Tumubajije icoba gituma ata Barundi benshi bitavye kandi biriko bibera mu gihugu i wabo, atanga umuco ati : " ni bake kuko benshi bari mu ntara za ruguru, nabo bamwe barabura ayo mahera yo kuriha ikibanza canke bakibaza ko bohomba, ivyo rero biva kukutamenya". Abandanya ahamagarira abanyamyuga kwitaba ari benshi amahanishwa nkayo kuko ngo : « akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze ».

Katumba estella aturuka mu gihugu c’Ubuganda, ashima ubwa mbere ubutumire yarungikiwe n’ukuntu yama yakirwa mu Burundi. Ku bijanye n’iryo hayanishwa, arashima uko ryama ritegurwa naho ku mipaka batoroherezwa nk’uko bivugwa ko imihora yuguruye muri kano karere. Arashima abanywanyi bamushorera impuzu zitwa « Boubou, bazin » hamwe n’ibidede, n’imiringa asanzwe afise muri iryo hayanishwa.


NKESHIMANA Chérif

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.