IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihimbazwa ry’imyaka 22 y’ubumwe bw’ abarundi

Ihimbazwa ry’imyaka 22 y’ubumwe bw’ abarundi

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Imyaka 22 iraheze abarundi basinye amasezerano y’ubumwe bw’abarundi izokwibukwa mu gihugu cose kuri uyu wa kabiri kuwa 5 Ruhuhuma 2013 ku civugo :«Ubumwe soko ry’iterambere n’amahoro arama».

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Evariste Nsabiyumva ari na we yamenyesheje uko ibirori bizogenda, yaboneyeho akaryo ko gushimira abanyabujumbura ku mutima wo gufatana mu nda berekanye igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha igatokombera.

Ku bijanye n’ubumwe bw’abarundi, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD umushingamateka Pascal Nyabenda, arashima intambwe abarundi bagezeko.
Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU, bo babibona ukundi.

Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru wa FRODEBU, ngo kubona haheze igihe gito abarundi bemeje amasezerano y’ubumwe bwabo haciye hicwa umukuru w’igihugu yari ahejeje gutorwa n’abanyagihugu,ngo hamwe n’amajambo atanguye kuvugwa ku murwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, ngo birerekana ko urwanko rufatiye ku bwoko ataho rwagiye.


Jean Michel Nayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.