IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikibazo c’abatumirwa mu biganiro catumye isango risubira kwunguruzwa

Ikibazo c’abatumirwa mu biganiro catumye isango risubira kwunguruzwa

mercredi 18 Rusama 2016, par egide

Ibiganiro bihuza Abarundi vyari bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2016 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ryasubiriye kwegezwa inyuma, ikibazo c’itumirwa ry’abazokwitaba ivyo biganiro kikaba arico coba catumye umuhuza Benjamin William Mkapa abura ico afata n’ico areka.

Muri CNARED, urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi barahakanye kuzokwitaba ku butumire bahawe, umwe wese mubagize urwo runani yitiriwe umugambwe arongoye, mu gihe bari basavye ko botumirwa nka CNARED. Mu mubonano umukuru w’urwo runani yaheruka kugirana n’umuhuza Benjamin William Mkapa, yamumenyesheje ko urunani CNARED rutegerezwa gutumirwa kuriryo zina atari kw’izina ry’imigambwe igize urwo runani.

JPEG - 31.3 ko
Benjamin William Mkapa, umuhuza mu biganiro vy’Abarundi

« Twarongeye turadondagurira umuhuza abahurikiye muri urwo runani CNARED-GIRITEKA. Abo nabo ni imigambwe n’amashirahamwe ya poritike arenga 25, ni abahoze barongoye Uburundi, ni abahoze barongoye inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi, ni abahoze ari ivyegera vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, abahoze ari abashikiranganji ba mbere b‘Uburundi. »

CNARED yasavye mbere umuhuza ko n’imihari yafashe ibirwanisho yotumirwa muri ivyo biganiro, muri urwo runani bakavuga ko hazoyaga impande zibiri, ni ukuvuga uruhande rwa Petero Nkurunziza n’abamushikigiye, hamwe n’uruhande rw’abadashigikiye ihonyangwa ry’Amasezerano y’i Arusha, aribo bahurikiye mu nama nkuru y’Igihugu CNARED, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, bamenyesheje ko batazokwigera baganira n’abahungabanya umutekano mu Burundi, canke abagize uruhara mw’igeragezwa ry’ugushaka guhirika ubutegetsi ryabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Ubutegetsi bw’i Bujumbura bukaba ahubwo bubandanya gusaba ko ibihugu abo bantu bahungiyemwo vyobata muri yompi, bagashikirizwa ubutungane.

Mu kibanza c’ibiganiro vyotanguye kuri iri genekerezo rya 21 Rusama 2016, hategekanijwe ko umuhuza ahura n’impande zose ariko mu biringo bitandukanye.
Benjamin William Mkapa azoganira na Reta ukwayo, hanyuma aganire n’abatavuga rumwe nayo, nabo nyene ukwabo. Umunsi w’ibiganiro nyezina impande zose zicaranye ukaba utamenyeshejwe.


IGIHE

Messages

  • EMW ABARUNDI TUZOBATWAHONY! ME REKA TWAMBAZ IYATUREMY IZOTURINDA

  • Bazokwitonda Abazobababaye Bomoke

  • mutama biranse nawe ?Erega abarimurikikintungo ni leta bose barikumwenankurunziza abatemera ni turimuri led

  • IBIGANIRO BIRABA BOSE ATAWUKUMIRIWE

  • BINJAMIN niwitonde kuko ntamvura iriko iragwa yobuza ibiganiro kuba twe abarundi bumutima twarakubwiyeko leta yacu idashobora kwicarana nabo bamenja bica,biba bafata abakobwa kunguvu nayandi mabi bakora nko gutera zagrenade mumasoko mukabare mumasengero no gufungura imitima yabantu babanje kukwica,oyaa itonde mutama binjamin twe abarundi turakwizeye ko utazoduhemukira

  • na 5ans zizorinda zihra atabiganiro,mws nic kimw! Nuk mutabona ukobaduhkura namw mwitwengra ng bizob ng biraba.hubw ni forfait

  • yemwe yemwe nonebizohererahe?imana nidutabare

  • we cakira.te toi gko we uri nka pousiere ya cré.umuhuza siw umuha intumbero ningene abikora.nenda uko we bono

  • Jewe nagomba gusaba urunani cnared Ko rutohirahira ngogwemere kwitaba ibiganiro mugihe nkurunziza yoba akiri mwicokibanza yishizemwo kuko nkurunziza igihe cose azoba akiri mwicokibanza azobangamira utwigoro twose twokugarukana amahoro kuko intumbero afise niyo gutikiza inganda nogucanishamwo abanyagihugu nkabonako cnared yobanza kugondoza uwomumenja nkurunziza kubanza gukinjura kuneza canke kunabi ataraho nubwo mwoja murivyo biganiro nkurunziza azoshobora kubera intambamyi nishirwa mungiro ryibizoba vyumvikanyweko bityo igihugu gisubire mwihumbi ikindi nuko umuhuza yotumira aberwa nikibazo Bose atanumwe avuyemwo mbere atibagiwe nababasirikare bintwari bavahasi bakifatikanya nabandi banyagihugu isinzi mukwankako amasezerano yarusha ahonyangwa none uyumusi bavundiye mumunyororo kubwagasuzuguro ka nkurunziza nakarwi kiwe nagomba mbonereho gusaba umuhuza kwatohirahira ngwabirengagize kuko ninkenerwa cane murivyo biganiro ikindi nuko ukwibiganiro vyunguruzwa ariko inganda zibandanya gutikira nkaba Saba urunani cnared arinarwa abarundi duhanze amaso hamwe nabandi barundi isinzi bagiyehamwe mukwiyamiriza ikiringo cagatatu ca nkurunziza kubandanya bagondoza umuhuza namakungu kwirungikwa ryinteko mvamakungu zoza kukingira abarundi mumaguru masha kuko nivyobiganiro mwohava mwikangura musanga ataco bikimaza inganda zamaze gutikira kubera abantu barigupfa kubwishi ikindi kandi nuko irungikwa ryizonteko ryofasha nogutuma ibiganiro bigenda neza ikindi nuko ibiganiro bitorenza indwi imwe kuko ahanini kuzoba Ari ugusubira kwiyemeza kwabarundi kubaha nukwubahiriza amasezerano yarusha nuguhana bihanukiriye abayahonyanze hamwe nukuvayo bazanye umukuru wigihugu azohagararira igihugu vyifata kibanza kugira hatunganywe amatora yitabwe nabose

  • ko ibiganiro vyabaye hari intambara nyishi,ubu intambara ihari niyihe? komuriko muvuga ngo hari imigwi igwana igwanirahe?yitwangwiki?ivyo nibintu mudendekeranya kugira umuhari wababirigi witwa CNARD ushike kuvyo bifuza, komera di Binjamin

  • MUKAPA acana na barundi wote ni mabono tu!! wataku potezeya muda tu.

  • ibiganiro ntibizoba mugihe icikintu ngo niCNARED kitabanje kureka akanyaro kuko reta nireta kandi yemewe nisi yose. hama cnared nayongo igomba gutegeka reta hamwe numuhuza nibanzireke akadada, yirirwa ihayango irafisabarwanyi none nimbibafise bamaze kurwana nande? hehe? kotwabarindiriye ngo tubabagiribisiga tugahubura? bafisimihimbiri nkabo irara iratera abanyagihugu mububare nogutera zagererade ngonibo barwanyi bafise nabongo nibatumirwe mubiganiro!! nukuri mutaretse akokanyaro ntimwitege ibiganiro.... nakare nyenimbugita nuuifashe ikirindi uwunawe nireta yuburundi. niharambe nyenicubahiro sebarundi PETERO NKURUNZIZA.....

  • erega nanubu abantu isinzi ntibarabona intumbero y’ivyobiganiro, none niba abashingamateka buburundi baraye bemewe na UA, ico s’ikimenyetso yuko amatora yagenze neza!! ubwo mubiganiro ico cakuwemo. ivya president vyo bazatumako ababijejwe bagire ico bashikirije,banatumeko ubutungane bwa EAC nabwo bwemeje ko candidature ya Nkurunziza yemewe nabo bagire ico bashikirije. ubwo ibiganiro bizoba biheze udashimye yunguruze,amatora ya 2020 abe arashitse opposition ikiri mukavuyo nanone CNDD-FDD ibe irayatsinze. ahubwo CINARD iriko irakorera campagne electoral abaDD mucayenge. mukwi7 kikwete araje asubirire wamukenyezi womuri UA maze afatiakanye na Nfumukiko aho ari muri EAC maze iyo CINARED isigare yironderera amahera yogufungura iyo za buraya no hakurya y’akanyaru, muri USA naho Obama nawe azoba asoza mandat ziwe haza abashasha batazi ivyarivyo. politique yomuri za 93,96,2000 itandukanye cane niriho unomunsi. abo batama bize cera nibareke urwaruka rubasubirire kuko ubu vyose vyarahindutse.

  • Turasavye ntibasunire kuturusha

  • nibagire ningoga twoye guhandwa kururimi twarambiwe

  • nibagire ningoga twoye guhandwa kururimi twarambiwe

  • Aaaahh Nyakubahwa mukapa nukuri so akwanka akuraga ibyamunaniy rero ube maso nturwe mumutego yabanyabulayi arko ico womenya cnared ninkinjangwa irwana nintare nubu mworeka tukagakecanga tukakarya nayahandi ibiganiro tubirimwo kandi tubirimwo kand birarimbanij rero ibyo bya cnared ninkina mico ntabiganiro bihari birenz ibiriko bibera iburundi mukomere

  • Nibemere ko ivyo bahawe nababitigi ngo basenyure ubutegetsi vyapfuy ubusa

  • UWarundi mnachekesha, kubalini yaishe huyo ndio Rais wenu Mh,petter acheni vurugu mnajipotezea muda kujenga nchi yenu na mwache kudharauliana pendaneni na mmheshimu,kwa styre mlionayo hata malaika angewaongoza mngemkataa.........!

  • UWarundi mnachekesha, kubalini yaishe huyo ndio Rais wenu Mh,petter acheni vurugu mnajipotezea muda kujenga nchi yenu na mwache kudharauliana pendaneni na mmheshimu,kwa styre mlionayo hata malaika angewaongoza mngemkataa.........!

  • NI HAHANGAME NYAKUBAHWA SEBARUNDI NKURUNZIZA. CNARED NAMWE MANDAT YANYU NTIRAGERA. BE MURAJUJUTA, TWEBWE TUZA TURIKO TURATEGURA AMATORA YA 2020

  • Muzorindira ibiganiro amaso ahere mukirere,inkona yarafashe ntizorekura ndabarahiye,ahubwo twebwe abavyunva turiko twitegurira ayandi matora yo 2020,namwe nimubu murajujuta.ngo muja mubiganiro vyamagabura nyama,mubimenye mubimenyere,ibibanza canke ivyicaro bitangwa natwebwe abanya guhugu.mushaka mwoba muratekereza.mugasubiza amero mwisaho.

  • warundi wengi wana penda tumbo zawo hawapendi inshi. bengine wanahogopa wucaguzi nawanataka kuwongoza, iyo ndiyo tatizo.

  • Nipfuzako Hosubirwamw’amatora

  • komera cnared ntacotuma batumira umwe kumugabwe ahubwonimujehamwe mushire inguvuhamwe abarumdi natweturinyuma

  • Abo bose bazi ko bari i ARUSHA bisubiriza mu biganiro vya politike imigambi yabo ari ubutegetsi bwo kugaburira mu mpapuro . nibareke abanyagihugu tubacire urubanza rwo mu gasandugu k ’ amatora , kandi pension zabo zarashitse , bareke abana bavyaye baterere mu kubaka igihugu , ibizova muri ivyo biganiro bazotubaze abanyagihugu tugire ico tubivuzeko ,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.