IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Africanova > Ikiganiro Africa Nova yagiranye na IGIHE

Ikiganiro Africa Nova yagiranye na IGIHE

samedi 27 Ndamukiza 2013

Umuririmvyi Africa Nova rurangiranywa mu Burundi no mu makungu yahora mu gihugu c’Uburundi, amavukiro yiwe, inyuma y’imyaka myinshi ari mu mahanga. Mu minsi yamaze mu Burundi, yaratunganije ibiteramo mu ntumbero yo kwiyibutsa abakunzi biwe, naho indirimbo ziwe zagumanye akanovera. Buca asubira mu gihugu ca Canada aho asigaye aba ubu n’umuryango wiwe, ikinyamakuru canyu “Igihe” cashimye kubashikiriza ikiganiro twagiranye mu ntumbero yo kumenyesha abarutse vuba uwo muririmvyi uwo ari we, eka mbere n’abamuheruka kera bumvireho imigambi afise ubu.

JPEG - 107.7 ko

IGIHE : Afrika Nova, turakuramukije. Murakomeye?

Nova : Amahoro. Ego turakomeye.

IGIHE : Mwiriwe neza ?

Nova : Turashima

IGIHE : Kubatazi Afrika Nova, mwoba mwaratanguye kuririmba ryari?

Nova: Natanguye kuririmba mu mwaka w’igihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo indwi

IGIHE : Vyagenze gute?

Nova: Natanguye ndirimba mu murwi witwa Ami Jazz, mu nyuma ntanguza umurwi wanje witwa “The Followers”, ari naho umwe mu baririmvyi twaririmbana yitwa Ramadhani Raymond yawushinga mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

IGIHE : Ni abahe baririmvyi boba baratumye ukunda uyu murimo wo kuririmba?

Nova: Abankundishije kuririmba ni Dalida, Milliam Makeba na Rochereau

IGIHE : Hari iyindi mirimo woba ukora inyuma yo kuririmba?

Nova : Ego cane mu gihugu ca Canada ubu nkora muri Banki, nkongera nkakora ibijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi.

IGIHE : Afrika Nova yakurikiranye iki mu mashure yize?

Nova : Nize mw’ishure nderabigisha ariko nagiye ndaronka inyigisho zitandukanye z’ubuhinga ngurukanabumenyi.

JPEG - 79 ko

IGIHE : Urafise umukenyezi? Umuryango, abana bangahe?

Nova: Mfise umukenyezi n’abana batatu bakuze. Ubu n’abuzukuru ndafise.

IGIHE : Kuva mutanguye kuririmba mugeze ku ndirimbo zingahe?

Nova: Ubu mfise indirimbo zirenga amajana ane.

IGIHE : Imyaka ni ingahe mumaze muri uwo mwuga?

Nova: Mirongo ine n’itatu

IGIHE : Ukwezi kuraheze uri mu gihugu c’Uburundi amavukiro yawe. Hoba hari igikorwa woba wari uje kurangura ? Namba gihari mwoba mwaragishitseko ?

Nova: Nari naje kuramutsa incuti n’abavukanyi. Abakunzi b’indirimbo zanje baransavye ko notunganya igiteramo.

IGIHE : Umuziki w’Uburundi mwawusanze gute ugereranije n’uko mwawusize ? Mwabonye hari ivyahindutse ?

Nova : Umuziki w’Uburundi warateye imbere muri rusangi. Abaririmvyi babaye benshi kandi basigaye ari abahinga. Ubu mbere hasigaye hari ubuhinyanyuzi bugezweho n’ibindi vyinshi bitabaho mu mwanya wacu.

IGIHE : Mwibaza ko musigaje imyaka ingahe mukora umuziki?

Nova: igihe cose nzoba nkibishoboye nzoririmba

IGIHE : Muri uku kwezi mumaze mu Burundi, ni ibihe bikorwa mwaranguye?

Nova: Natunganije ibiteramo bitatu kandi vyaritabwe cane. Narakoze n’amasanamu y’indirimbo zanje zibiri, imwe yitwa Sonsty( zana ndabe) iyindi nayo Bahaya

IGIHE : Mukurangiza ni iyihe ndirimbo mwotura ikinyamakuru “Igihe” n’abakunzi baco?

Nova: Ndabatuye indirimbo yitwa mwiriwe neza.

IGIHE : Turabashimiye kuba mwatwitavye. Twizere ko nitwasubira kubahamagara muzotwitaba…

Nova: Na jewe ndabashimiye cane kandi mboneyeho n’akaryo ko gusezera abakunzi banje n’abarundi bose kuko buca nsubira inyuma

IGIHE : Tubipfurije urugendo rwiza, muzoramutse bose

Nova: Ego tuzobaramutsa.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.