IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikigo Maison Shalom cahimbaje imyaka 20 kibayeho

Ikigo Maison Shalom cahimbaje imyaka 20 kibayeho

vendredi 1er Munyonyo 2013

Ikigo Shalom caraye gihimbaje imyaka 20 kimaze kibayeho. Abagiye barafata amajambo bose bagiye baragaruka ko abarundi boharanira urukundo n’amahoro, bagatsinda ikibi, n’abanyepolitike ko bokworinda gusuka urwaruka mu ndyane.

Mu kigo Shalom ku munsi wa kane igenekerezo rya 31 gitugutu 2013 kari akanyamuneza ntangere kuko bari baramutse bigina imyaka 20 iheze ico kigo kivutse. Umupfasoni Margarita Barankitse, mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko ari akanyamuneza ntangere kuko ivyakozwe ari intsnizi y’urukundo ku kibi. Yasavye abanyepolitike b’abarundi gushira imbere amahoro, bareke gusuka urwaruka mu ntureka, kandi ata n’umwe ayobewe amabi yakozwe muri kahise k’Uburundi.
Abana barerewe muri ico kigo basavye Reta gukora uko ishoboye kwose kugira itorere inyishu ikibazo c’abana basegerereza mw’ibarabara.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyikiri yari yateye iteka ivyo birori mw’ijambo ryiwe nawe yasavye abarundi gusubiza amaso inyuma muri kahise k’Uburundi, barabe ingene bisamburiyeko, batorere umuti indyane zabaye, bashire amahoro imbere ya vyose.

JPEG - 96.3 ko
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri ( i bubamfu), ari kumwe n’umupfasoni Maragarita Barankitse ( i buryo)

Mwomenya ko ikigo Maison shalom catangujwe n’umupfasoni Maragarita BARANKITSE, kikaba catanguye ibikorwa vyaco mu mwaka w’1993, inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, hamwe n’ubwicanyi butagira izina bwahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi. Ico kigo Maison Shalom caciye ciha intumbero ryo gufasha abana ba ntahonikora no kurwanira agateka k’abana, yaba impfuvyi za Sida, abana bo mw’ibarabara, n’inzoya ziri mu mabohero. Kuva ico kigo gishingwa kuva mu mwaka w’1993, kimaze gufasha abana bashika ku 20000 b’impfuvyi, hamwe n’abandi ba ntahonikora. Ico kigo gisanzwe gikora n’ibindi bikorwa bitari bike nk’uguharanira agateka k’abana, igisata c’indero, amagara y’abantu n’ibindi bikorwa vyo kurwiza ubutunzi.


Floxella Karire

Messages

  • Maggy felicitation komera ukorere abagowe, impera uzoyironka mw’ijuru nayo kwisi uzoshimigwa nabo ugirira neza. Nayo izo mpanuro uha urwo rwaruka nabo nyene barabibona sa bana baha inkoni ngo genda ukubite naka, mbe ntibabona ko abana babategetsi bari mumashure hanze kwiga ivyo bijuju navyo bigapfa gukwirikira nkibitagira ubwenge.

  • Mag turagukund. Wakoze vyinshi vyiza mugihugu.Imana iguhezagire

  • Iki kigo cyari kiza ariko uriya mugore wagishinze ni mubi k’umutima, kandi agerageza kwiyerekana nk’aho ari mwiza ariko Maggy uri indyarya, uriyemera, wakiriye ku abana b’imfubyi bon nibyiza n’imana izabiguhembera ibyo bikorwa byiza ukora ariko nagusabaga ko wahindura n’umutima wawa mubi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.