IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi baba muri Zambiya boba bagira baronke ubwenegihugu

Abarundi baba muri Zambiya boba bagira baronke ubwenegihugu

lundi 4 Munyonyo 2013

Ibikorwa vyo gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi na Zambiya vyasubiriye inyuma, mu gihe bimaze imyaka irenga 23 bitaba, imigambi itari mike hafi mu bisata vyose ikaba igiye kurangurwa mu ntumbero yo kunagura iyo migenderanire.

Mw’ijambo ry’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure, yamenyesheje ko ibikorwa nk’ivyo vyaheruka kuba kw’igenekerezo rya 21 gushika kurya 23 myandagaro i Lusaka muri Zambiya aho hari mu mwaka w’1990. Kuva ico gihe, Uburundi bwaciye bwinjira mu ntambara, ivyo bihe rero Uburundi bwarimwo, bikaba bitorohereje na gato ibikorwa vy’uwo murwi. Ariko rero muri kino gihe, n’akanyamuneza ntangere kubona iyo nama igira kane ishoboye kuba.

Umushikiranganji w’imigenderanire y ‘Uburundi n’ayandi makungu Laurent kavakure yabandanije avuga ko ivyo bikorwa bije hageze kuko mu Burundi haheruka kuba ya nama y’abasanzwe babufasha ivyo rero bigatuma ivyo bihugu ukwo ari bibiri, bihagarara na cane cane ku migambi ija imbere y’iyindi, isanzwe mbere iri no muri wa mugambi ugira kabiri wo kurwanya ubukene CSLP2. Ati ndizeye ko ibiza kuva muri ibi bikorwa bizofasha cane guteza imbere ubutunzi mu bihugu vyacu.

Ku bw’umushikiranganji w’imigenderanire ya Zambiya n’ayandi makungu Wylbur C.SIimuusa yashimye ukungene Uburundi n’abarundi bamwakiriye. Yashimye uburongozi bwa Nyakubahwa Petero Nkurunziza kubona yarashoboye kugarukana amahoro n’umutekano, nina co gituma igihugu ca Zambiya n’igihugu c’Uburundi bazokora ibishoboka vyose kugira babumbatire ayo mahoro baronse bigoranye mu karere’’. Ivyo bihugu ukwo ari bibiri vyemeranije guteza imbere imibereho y’abanyagihugu kugira bashike kw’iterambere rirama. Iyo nama izotuma baha inguvu imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri. Abandanya agira ati; "Haraheze imyaka myinshi cane ivyo bihugu ukwo ari bibiri bihana isukari n’isima, Uburundi burakoresha cane isukari hamwe n’isima biva muri zambiya, ikindi kandi ibihugu vyacu birahurira no mu miryango wo muri kano karere, aha twovuga nka COMESA, aho naho ivyo bihugu ukwo ari bibiri birahurira ku rudandazwa, ivyo rero bigatuma izo ntumwa ku mpande zose biga ingorane zose zishobora gushika, zotuma imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri itosekara.

Umurwi nawo wari uhurikiyemwo abahinga ivyo bashitseko bizotuma ivyo bihugu bibiri bigiraniranirana imigenderanire myiza mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu kugira bateze imbere ivyo bihugu, uko ari bibiri bisanzwe bifatanijwe n’ikiyaga Tanganyika. Ivyo bihugu uko ari bibiri vyabonyeko imigenderanire yavyo yoshobora gukomera mu gihe bohagarara cane ku rudandazwa. Amanama azotegurwa, mugabo imigambi yo gushira mu ngiro iyo migenderanire, izotangura cane cane guhera mu mwaka wa 2014. Ikibazo cerekeye impunzi z’Abarundi ziri muri Zambiya, HCR niyo izokora ibishoboka vyose kugira batahe ku bushaka bwabo.

Abagiye barafata amajambo basavye ko abo barundi bohabwa ubwenegihugu kuko bafise ingorane z’ubutunzi ,u BUurundi, bagaca bahitamwo kuguma muri Wambiya. ico kibazo bemeranije ko bagiye kuciga neza kugira bagitorere inyishu irama. Uburundi na zambiya bizorwaniriza hamwe kandi urudandazwa rw’abantu ruriko ruravugwa muri kino gihe.


Foxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.