IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iminsi hafi 90 abateye intara ya Cibitoke bataramenyekana

Iminsi hafi 90 abateye intara ya Cibitoke bataramenyekana

samedi 28 Ntwarante 2015

Nk’uko vyama ku minsi ya gatandatu ihereza ukwezi, hama hatunganywa urugendo rwitiriwe urw’amahoro mu gihugu cose, mu gisagara ca Bujumbura, urwo rugendo rukaba rwitabwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza.

Urwo rugendo rwahuje abanyagisagara ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, abatari bake bari bafise ivyapa, vyanditseko : ’’Abanyagisagara, twifatanye n’abarundi bose, mu kubumbatira amahoro n’umutekano, vyo nkingi z’iterambere rirama’’. Muri urwo rugendo rubaye inyuma y’amezi atatu habaye igitero mu ntara ya Cibitoke mu mwaka uheze, n’ubu hakaba hataravugwa abateye igihugu, aho abatari bake mu bari bateye bahasize ubuzima. Eka n’uwu munsi, kuri iri genekerezo rya 28 Ntwarante, akaba atamuco watanzwe kuri abo bateye igihugu.

Tukabibutsa ko ico gitero cabaye ku wa 30 Kigarama gushika ku wa 4 Nzero uwu mwaka, bamwe mu bari mu mugambwe CNDD FDD nk’uwurongoye uwo mugambwe mu ntara ya Bubanza, yacegetse ku bari mu mashirahamwe amwe amwe ataho yegamiye mu vya poritike, amwe mu maradiyo hamwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD. Inyuma y’urwo rugendo, akarwi k’abasore icumi, kakaba kaciye kipanga kari kumwe n’umwe mu bakozi bo mu gisagara ca Bujumbura, baririmba ko barahiye, Petero Nkurunziza azitoza. Abo basore nyene, bakaba bateye ubwoba umumenyeshamakuru Aristide Nizigire, ndetse n’amwe mu masanamu yari yafashe bakaba bayahanaguye.


IGIHE

Messages

  • Barahire ntibarahire twebwe twemera tubibonye.Niyitoze niho twomenya ko bazi kurahira...

  • Barahaze shaa reka bigirire sport ngo nurugedo rwamahoro baca baja kwivuna akanyota mumahera yamakori yabanyagihugu bugarijwe nubukene ewe Nkuru genda peee

  • KOMURIBO BATANGUYE GUHUNGISHA IMIRYANGO YABO,HAMA BAGAHENDA ABOBATAMAKAZI BISONZEYE NGO TUGIRE URUGENDO RW’AMAHORO,AYO MAHORO ARIHEHE?BARUNDI BARUNDIKAZI MUHUMIRIJE,MUZORWA KUNZIRA

  • Ngo barahiye ko ategerezwa kwitoza!ntimwishimire ivyobirwanisho babahaye..ivyo nivyo bizobica,nabado..turindiye gusa avuge ko yitoza niho azomenyako arumugabo hiiiiii

  • Ngo barahiye ko ategerezwa kwitoza!ntimwishimire ivyobirwanisho babahaye..ivyo nivyo bizobica,nabado..turindiye gusa avuge ko yitoza niho azomenyako arumugabo hiiiiii

  • Ngo barahiye ko ategerezwa kwitoza!ntimwishimire ivyobirwanisho babahaye..ivyo nivyo bizobica,nabado..turindiye gusa avuge ko yitoza niho azomenyako arumugabo hiiiiii

  • URUGENDO RWAMAHORO TURARUSHIGIKIYE....KANDI NYIMWIBAGIRE IYO MWAVUYE.....NTA NTAMBARA IZOBA ABO BAYISHAKA BARAYITANGUZA HANYUMA TURABE.....TURABAGABISHIJE!!! TWARAHIYE YEMWE TWARAHIYE NKURUNZIZA AZITOZA.

    MBEGA KO BAVUGA NGO ABANYAGIHUGU NTITUKIMUSHAKA....NTIBOREKA AKAZITOZA HANYUMA TWE TUKAMENYA URUBANZA TUMUCIRA BIGACA BIBONEKA KO TUTAKIMUSHAKA HANYUMA TUGATORA ABO BA SINDUHIJE NA BA PACIFIQUE KO WUMVA ABANYAGIHUGU ARIBO BAKENEYE!
    EREGA NITWE DUCA URUBANZA...SI RUFYIRI CANKE PACIFIQUE,LEONIDAS HATUNGIMANA,ONESIMYE BAMBE ONESIME....BACA IMANZA....ABO BARIYE UDUHERA ARIKO BARIYE AMAGI YA GUNGERE.....,! hahahahhhaaaahhaahhhhaa

  • Ntawutabonak ari peter azitoz mais amenyeko atikunda knd adakund numuryang wiw,icibagiwec nigihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.