IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Imiriyaridi 327 y’uturusho niyo Reta yatakaje mu myaka ine iheze

Imiriyaridi 327 y’uturusho niyo Reta yatakaje mu myaka ine iheze

mercredi 25 Kigarama 2013

Amangana imiriyaridi 327 niyo Reta yatakaje muri ino myaka ine iheze, mu gihe ihebera amatagisi n’amakori ku bantu bamwe bamwe binjiza ibidandazwa vyabo mu gihugu , yaba amashirahamwe canke imigambi (projet), vyavuye mu cigwa cakozwe n’umuhinga karoli Nihangaza, abitumwe n’ishirahamwe Parcem.

Kuri uyu wa kabiri ,igenekerezo rya 24 kigarama 2013 ,umuhinga karoli Nihangaza ari kumwe na Faustin Ndikumana yashikirije ivyavuye mu cigwa yakoze ku vyerekeye ivyo kungana mu gutanga ikori uko vyifashe mu Burundi‘’Etat des lieux de la justice fiscale et économique.’’ Muri ico kiganiro bakaba bagarutse ahanini ku vyerekeye uturusho dutangwa (exonérations). Umuhinga Karoli Nihangaza amenyesha ko amafranga angana imiriyaridi 327 ariyo Reta y’Uburundi yatakaje muri ino myaka ine iheze. ‘’Birababaje kubona Reta itakaza amafaranga menshi, yaba ayo ihebera abantu kubera amasezerano Uburundi bwateye ko igikumu n’ibindi bihugu, canke amafaranga Reta ihebera abazanye imigambi (projet) ,canke abazanye imitahe yabo mu Burundi ‘.

bamwe mu bitavye ikiganiro

Umuhinga Nihangaza avuga ko ari agahombo gakomeye kuri Reta kuko ayo mafranga yoshirwa mu gisata c’amagara y’abantu canke c’indero, ivyahora bikorwa muri ivyo bisata vyogwiza na kabiri. Karoli Nihangaza avuga ko muri ico cigwa basanze ibice 75 kw’ijana vyabaronka uturusho ari amashirahamwe ava hanze. Akagira ati :’’ Mbega Reta iraraba ico yahungukiye, mbega irasuzuma ikaraba abakozi bashize muri iryo. Ku bwiwe uturusho twinshi ntaco tumaze nimba umunyagihugu na Reta ataco bahungukiye. Aratanga uturorero ko muri ico cigwa yasanze amahoteri yahawe uturusho ugasanga nta n’ivyumba cumi ifise, abubaka aho gukorera imanza bimwe bita salle de reception , n’ibindi bintu bidafise inyungu ku bantu benshi nk’uko biba vyitiriwa.Iyindi ntambamyi ihari n’uko amategeko ari menshi ,amategeko 45 agaca atera amadidane kuko amwe yinjira mu yandi.

Uwo muhinga agasaba ko ayo mategeko yoshirwa mw’itegeko rimwe gusa . Uwo muhinga asaba Reta ko buri kwezi boza barerekana uburusho butangwa ingene bungana n’ababuhabwa abaribo gurtyo hakaba umuco. Muri ico kiganiro ,uwaje aserukira ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta akamenyesha ko guhera mu kwezi kwa mbere, hagiye kuzotangura ivyigwa bibiri vyo kurabira hamwe ivyokorwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.