IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiryango 158 yasangiye umwaka mushasha n’ishirahamwe VONECOVIC

Imiryango 158 yasangiye umwaka mushasha n’ishirahamwe VONECOVIC

jeudi 2 Nzero 2014

Imiryango 158 yo mu ntara ya Bujumbura rural, komine Isare yararonkejwe imfashanyo n’ishirahamwe VONECOVIC ( Voix Neutre Contre les Violences et Injustice à travers les Chasons ) ku munsi w’ejo igenekerezo rya mbere Nzero 2014, aho hariko hahimbazwa umunsi mukuru wo gutangura umwaka mushasha w’2014.

Imfashanyo iciye amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zitatu n’ibihumbi amajana atatu yatanzwe n’ishirahamwe VONECOVIC yari igizwe n’amasafuriya, amasabuni, amasuka, ibivomesho, ibitenge, ibirato, ibikombe, amakaye, uburengeti, hamwe n’amasahani. Imiryango igera ku jana na mirongo itanu n’umunani yarashikirijwe iyo mfashanyo yaje ikurikira iyindi yaheruka gutangwa ku miryango y’abanyagihugu b’abatwa yatanzwe mu kwezi kw’indwi kw’umwaka twaraye turangije. Umuryango umwe wese waronka igitenge n’ibirato, canke ikibido n’amasabuni, canke uburengeti n’amasabuni, canke isuka n’amakaye n’ibikombe, canke uburengeti, amasabuni n’amakaye.

Mu gihe iryo shirahamwe VONECOVIC ari naryo ryatanze iyo mfashanyo ryatangujwe n’umurundi w’imvukira ya komine Isare, umuririmvyi Minani Félicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat aba mu gihugu ca Norvège, Barutwanayo Pontien, musitanteri wa komine Isare yahamagariye n’abandi barundi barangurira imirimo yabo mu makungu kuza baribuka gufasha abatishoboye, babashigikire muvyoshobora kubateza imbere.

JPEG - 38.5 ko
Barutwanayo Pontien, musitanteri wa komine Isare

Ishirahamwe VONECOVIC ( Voix Neutre Contre les Violences et Injustice à travers les Chasons ) rirongowe n’umupfasoni Angela Iroegbu wo mu gihugu c’Ubudagi, i Hamburg. Nk’uko tubimenyeshwa na Minani Félicien (Femi De J’Abat), icegera c’umukuru w’ishirahamwe VONECOVIC, akaba n’uwuriserukira imbere y’amategeko, intumbero y’imfashanyo ishirahamwe ryatanze ku munsi w’ejo ni ukugira ico baterereye mu kuvugira no gufasha abatishoboye bamwe bitwa ba ntahonikora, cane cane bo mu bwoko bw’Abatwa, batibagiye nabo mu yandi moko yo mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.