IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Imiryango 50 y’Abarundi bishwe n’ababuriwe irengero yituye ubutungane

Imiryango 50 y’Abarundi bishwe n’ababuriwe irengero yituye ubutungane

vendredi 2 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Imiryango 50 y’Abanyagihugu b’Abarundi baburiwe irengero, abahohotewe hamwe n’abahitanwe n’ubwicanyi ndengerabutungane yituye abashingwamanza batatu, kugira bayifashe gushikira ubutungane bwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, hamwe n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu.

Iyo miryango yamenyesheje ko yiteguriye gukorana n’ubutungane mpuzamakungu, mu gutanga ivyemezo bafise kugira ukuri kumenyekane, abagandaguye abantu n’ababanyurujwe bashengezwe kandi bahanwe n’inzego zibijejwe.

Abashingwamanza batatu bituwe n’iyo miryango ni Armel NIYONGERE wo mu rwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, Lef FORSTER wo mu bashingwamanza b’i Paris mu Bufaransa, hamwe na Bernard MAINGAIN wo mu rwego rw’abashingwamanza b’i Buruseri mu Bubirigi.

JPEG - 99.2 ko
Armel NIYONGERE, umwe muri abo bashingwamanza

Mw’itangazo abo bashingwamanza batatu basohoye, bamenyesheje ko biteguriye gufasha iyo miryango gushikira ubutungane mpuzamakungu, kugira ukudahana ivyaha bihagarare mu Burundi.

Iyo miryango mirong itanu ije ikurikira iyindi 60 yaheruka kwitura urunani rw’abashingwamanza batatu nyene kugira bayiserukire mu gusaba ko abakoze ubwicanyi ndengerabutungane boshengezwa mu butungane mpuzamakungu.


IGIHE

Messages

  • Kw’isonga hazorengutswa les deux Nyamitwe, Bunyoni

  • GIRENINGOGA MUZODUFATIRE SATANI KURUMBI,KUKO NIWEBITURUKAKO.

  • ESEMWOMENYA ABO BABURIWE IRENGE NIBAMWEBO72 _68_93 MUZOPFAMUYERERA MMABUZE KUBAKA IGIHUGUCANYU NGUBUBIRIGI UBUFARANSA MURACANGARA MWIRUKE MUHAGAZE MUSANGA MUHAGAZE MUNTOZE INGMWONGERE MUKORE IMIGUMUKO TUBACAKIRE UBUKIRIMWABAGABO ZAMWIRIGWA MUTORA UDUKOROTSEHASI MUBUBIRIGI

  • ESEMWOMENYA ABO BABURIWE IRENGE NIBAMWEBO72 _68_93 MUZOPFAMUYERERA MMABUZE KUBAKA IGIHUGUCANYU NGUBUBIRIGI UBUFARANSA MURACANGARA MWIRUKE MUHAGAZE MUSANGA MUHAGAZE MUNTOZE INGMWONGERE MUKORE IMIGUMUKO TUBACAKIRE UBUKIRIMWABAGABO ZAMWIRIGWA MUTORA UDUKOROTSEHASI MUBUBIRIGI

  • Najew ndituye abobashingwamanza bamfashe kurondera abanyiciye Sogo wanje Nyakubahwa Ndadaye Melchior hamwe n’abandi ntavuze amazina bamukurikiye kuko uku kwihora kwose niho kwazananye niyamaraso yamija abariko baramwica niyamivumo yabavuma ndabinginze batama mumfashe barengutswe mubutungane murakoze

  • ahubwo batangurire kuri uyo Armel na Pacifique na sinduhije na vital na buyoya na Niyombare na odifax ndabitore, birazwi nezako bashize abanywanyi babo b urwaruka mu mabarabara bagaturira imiduga, bagaturira abantu Ku murango, bagakerera abantu bagata mu barabara ibiziga NGO amakungu avuge ko aje gutabara abone ingene yinjira akureho intwaro, bagatera ama grenades Ku bituro by ama bus n amaguriro, n a masoko, hama abo nyene baha urwaruka inkoho bakuyemu Rwanda ruja gutera amakambi y igisirikare n igipolisi, ruja kwiba abanyagihugu, rwica abo mu migambwe batavuga rumwe, ruhiga rwica Imbonerakure iciza nuko zitihoye abagomba ngo zihore vyitwe ihonyabwoko barahebura, none about bicanyi bishwe abandi bagafatwa abandi bakishikana bakadoma agatoki abo bakorana bagafatwa nibo abo ba armel na megnant NGO bariko baravugira, burya ntibaziko ibihe vya kera vyahindutse? ntibaziko technique za guerrira za 1990 -1994 za FPR mu Rwanda bariko bakoresha mu Burundi zashaje? abarundi n abanyarwanda banyotewe amahoro sivy ababarongora n abagwanira ibiti bashize imbere, nabo babahenda b aba Commissionaire ba USA na EU mu kwica abany afrika ngo basahure itunga ryabo n urudandazwa rw inkoho, ICC ifate ahubwo, ikindi bataraba neza nuko bo ari famille zo mu ntwaro ya cera bakigendera Ku bwoko Tutsi mu gihe Ñkurunziza atavy amoko agenderako arico gituma Yabatsinze.

  • ahubwo abonyene twoba ko iyo ntale yobafata kuko nibbataye igihugu mumanga abanyulujwe bo bali kugatwe kabo koko ivyo bavuga vyalabatekulukanye bahaka jenode none yalan none umve ivyo bavug ahubwo abobagabo bo balonde nubutungan teta nihole imitahe muzamakungu nukuli bafatwe

  • Nivyiza twizereko hadakwiye kuburamwo kuvugira mwabobaburiwe irengero umuryango wumuganwa atarumugani Rudoviko RWAGASORE. Nawa Mwami yaburiwe irengero avuye mugihugu cu Bugande.

  • Jewe ndisabira Leta y’u Rwanda gutanga ikirego muri court pénale international kuri négationisme ya Génocide contre les Tutsi yakozwe na Pascal Nyabenda

  • komeza uba shiki rimbere aho tudashika uru mushingante impera nimpera ni mpetuka bazo bibazwa ivyo tura vyizeye nabone babi menye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.