IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impapuro z’umutsindo zaratanzwe ku basirikare bahejeje inyigisho

Impapuro z’umutsindo zaratanzwe ku basirikare bahejeje inyigisho

vendredi 12 Mukakaro 2013

Umurwi ujejwe gutanga inyigisho za gisirikare zo ku rwego rwo hejuru (GMES : Groupement des études militaires supérieures) waratanze impapuro z’umutsindo ku basirikare bari mu murwi wa 19 bakurikiranye inyigisho zijanye n’ivyirwa vya gisirikare n’ivyubukomando mu gutwara amakambi,bn’abasirikare bo mu murwi wa 37 bakurikiranye imyimenyerezo mu kiringo c’amayinga 46 mu kunoganza neza ivyo bize muri SPO (stage de perfectionnement des officiers).

Mw’ijambo ryiwe ry’uwo munsi hari ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 10 Mukakaro 2013, aho ibirori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare hamwe n’abandi bakuru mu gisirikare, umuyobozi w’umurwi ujejwe gutanga inyigisho za gisirikare mu rwero rwo hejuru, col. Venuste Nduwayo yarashimiye umuntu wese yagize ico atanga kugira ngo nyigisho zishike ku rugezo bari bipfuza.

Yaribukije ko imyimenyerezo ya gisirikare y’umwaka w’ishure w’2012 ushira uw’2013 itorohewe igihe yatangura. Ariko bivuye ku kwitanga kw’abari mu nzego nkuru, kw’ishaka ry’abimenyereza, n’abari bajejwe gutanga inyigisho, barashoboye gushika ku ntumbero bari bipfuza kugerako.

Col. Nduwayo yarongeye avuga ko n’ubwo abari muri GMES bahuye n’ingorane, intumbero bari bafise ntiyahindutse mu gutanga inyigisho zihanitse kandi zifise agaciro zizoza zizanira inyishu ibibazo bizoba bihari, haba ku rwego rw’igihugu, haba ku rwego mpuzamakungu.

Ahejeje kuvuga icegerenyo c’ivyaranguwe muri uno mwaka uriko urarangira, Colonel Nduwayo yamenyesheje ko GMES yaronse kurukurikirane rwa kane rw’abigisha mu bijanye no gutwara (management), urunganwe rwa gatatu rw’abigisha muri PSO. Ivyo bikazobatuma bashobora kugira ibisata vyabo bibiri kuko ubwa mbere bakoresha igisata kimwe.

Kugira bateze imbere igisata co kwivuna umwansi, GMES yateguye kubw’umwaka uza kwongerereza ubumenyi kuko intwazangabo itegerezwa kuronderera inyishu ibibazo bimwe bimwe yisunze amategeko ya gisirikare, atari gukoresha uburyo bwa kera.

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, General Prime Niyongabo, nawe yarashimye inyigisho abo basirikare bari bahejeje kuronka hamwe n’impapuro z’umutsindo baronse, aca aboneraho akaryo, avuga ko kurinda no kuba intwazangabo ikora ivyankenerwa, bitavana gusa n’ibirwanisho uba ufise canke n’igitigiri c’abo utwara, ariko na cane cane n’ukugene uba wariteguye mu kugira imyimenyerezo ikwiye n’inyigisho uba warahaye abo urongoye.

Urwego rwo kwivuna umwansi rwafashe ingingo yo kwongerereza ubumenyi abasirikare barwo no kubandanya gutanga inyigisho kugira igisirikare co mu Burundi, kije mu kibanza c’akarorero muri kano karere k’ibihugu vy’ibiyaga binini.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.