IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imvukira z’i Gitega zahaye imfashanyo ba ntahonikora

Imvukira z’i Gitega zahaye imfashanyo ba ntahonikora

lundi 8 Ndamukiza 2013

Imvukira zo mu ntara ya Gitega zaratanze amakarata yo kwivurizako ku banyagihugu ba ntahonikora barenga amajana abiri na mirongo itanu bo ku musozi Mubuga muri iyo ntara nyene ya Gitega.

Jean Jacques Nyenimigabo, nawe nyene avuka muri iyo ntara, niwe yatanze iyo mfashanyo kw’izina ry’izo mvukira.

Yabashikirize n’amafaranga y’amarundi angana umuliyoni azofasha mu kurondera amafoto azoshirwa kuri ayo makarata yo kwivurizako.

Tubibutse ko Jean Jacques Nyenimigabo yahoze ari umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama, ubu akaba umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.