IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gatumba : Imvura ivanze n’umuyaga yabomoye amazu

Gatumba : Imvura ivanze n’umuyaga yabomoye amazu

mardi 11 Ntwarante 2014

Imvura imaze iminsi igwa mu ntara zimwe zimwe z’igihugu, ironona ibitari bike, mu gihe kenshi usanga iyo mvura ivanze n’umuyaga w’igihuhusi, ibomora amashure, igahitana ibiraro, imirima y’abanyagihugu, amazu yabo eka n’abantu badasigaye inyuma. Ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa mbere, amazu ataramenyekana igitigiri yarabomowe n’imvura yakomerekeje kandi n’abantu aho mu Gatumba

Amazu agera kuri 10 mu ntara ya Cibitoke niyo yabomotse biturutse ku mvura yaguye mu mpera z’iyinga riheze. Imirima itandukanye ku misozi ya Nyamakarabo na Kiziba, ikaba yarononekaye cane. Mu ntara ya Mwaro iyo mvura nyene nk’uko bivugwa n’abarongoye iyo ntara, yarononye ibitari bike muri komine ya Kayokwe aho amashure y’i Mweya, Gitunga, Rujambere, abanyeshure, bakaba bagira ingorane z’ukwo biga. Eka n’intara ya Rutana ikaba itasigaye inyuma muri iyo mvura ivanze n’umuyaga.

Bamwe mu banyagihugu bahuye n’ico gihuhusi kivanze imvura, bakavuga ko batabona uko bagiye kubaho, kuko ikigoyi co camaze kubinjirana. Ivyo babimenyesha, mu gihe imvura ivanze umuyaga yahitanye imirima y’ibitoke, imirima y’icayi n’ibindi. Abo banyagihugu, bagasaba ko abagiraneza bobagarukirako, bagafashwa. Ivyo biri uko mu gihe mu gisata kijejwe ivy’ibirere bamenyesheje ko mu mezi atatu ari imbere, hagiye kurwa imvura nyinshi mu gihugu cose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.