IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 20 iraheze Ndadaye Melchior agandaguwe bunyamaswa

Imyaka 20 iraheze Ndadaye Melchior agandaguwe bunyamaswa

lundi 21 Gitugutu 2013

Imyaka mirongo ibiri irakwiye umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu agandaguwe bunyamaswa. Ibirori vyo kwibuka iyo ncungu y’intwaro rusangi vyatanguriwe n’inkuka y’imisa nk’uko vyama bica bibandaniriza ahari intatemwa yiwe n’abandi bategetsi bagandaguwe kuri uwo munsi w’igenekerezo rya 21 Gitugutu 1993 canke inyuma yaho. Laurence Ndadaye, umupfasoni wa Melchior Ndadaye n’umuryango wiwe nabo nyene bari bitavye ibirori vyo kwunamira incungu ya demokarasi.

JPEG - 43.8 ko
Laurence Ndadaye, umutambukanyi wa Melchior Ndadaye, ari kumwe n’umuhungu wiwe ( i bubamfu)

Ibirori vyo gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa ya Ndadaye Melchior n’abandi baguye mu bwicanyi bwakurikiye urupfu rwiwe vyatanguwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe aho bashize amashurwe ku mva ya Ndadaye Melchior hamwe n’incungu y’abiguze Uburundi batamenyekanye (martyr inconnu). Hakurikiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka ka Afrika y’buseruko yashize amashurwe ku mva ya Pontien Karibwami yari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, nawe yagandaguriwe ku munsi umwe na Ndadaye Melchior. Umuryango n’umuvyeyi ba Ndadaye Melchior nibo bakurikiye, hanyuma haza umuryango wa Pontien Karibwami na Jules Bimazubute yari icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Nk’uwagendanye n’umuhisi Ndadaye Melchior, Sylvestre Ntibantunganya nawe yashize urugori rw’amashurwe ku Ntatemwa ya Ndadaye hamwe n’iy’uwari umutambukanyi wiwe Zebiya Nshimirimana nawe nyene yagandaguwe ku genekerezo rya 21 Gitugutu 1993.

Inyuma y’aho imigambwe yemewe n’amategeko ishiriyeko ingori z’amashurwe, abari bitavye ivyo birori bateze amatwi ijambo Ndadaye Melchior yashikirije yigina intsinzi yari ahejeje kuronka mu matora y’umukuru w’igihugu. Muri iryo jambo, Ndadaye Melchior yamenyesheje ko umugambwe Sahwanya FRODEBU atariwo utsinze, ahubwo ko hatsinze abarundi bose, kuko ata nyagupfa na nyagukira kuko kubwiwe hari hatsinze intwaro rusangi. Yarashimiye abo bariko barahiganwa, Petero Buyoya na Sendegeya Christian, ariko cane cane ashimira uwari umukuru w’igihugu Petero Buyoya kubona yaremeye ko hatunganwa ihiganwa riha akaryo abarundi ko kwitorera indongozi zabo, aca asaba abarundi kubandanya baha abo bari barushijwe icubahiro bakwiye.

JPEG - 47.5 ko
Gabriel Ntisezerana, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi ariko aganira n’umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko

N’aho abasirikare bahavuye bamugandagura mu mugambi wo guhirika ubutegetsi bwiwe, muri iryo jambo Ndadaye Melchior yashikirije abarundi yigina intsinzi, yari yasavye abanyagihugu kwizera abasirikare, n’abasirikare ko bokwizera abanyagihugu.
"Ndasavye abanyagihugu kwizigira abasirikare, abajandarume n’abapolisi. Abo nabo ndabasavye nabo nyene bizigire abanyagihugu, babakingire ntihagire uwurwa mu mitego y’abansi b’amahoro."

Ivyakurikiye inyuma ntivyahuye na gato n’ivyipfuzo n’imigambi yari afitiye Uburundi kuko inyuma y’iminsi ijana n’ibiri gusa yaciye agandagurwa bunyamaswa n’abashaka guhirika ubutegetsi bwiwe. Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU abonamwo ingeso y’abategetsi bashaka kwigungirako, ntibashake gusabikanya, umwe wese akabona ko yobaho yorohewe abandi batavugwa. Bamvuginyumvira aremera ko n’aho Ndadaye Melchior yagandaguwe, imigambi yiwe bitabujije ko ija mu ngiro kuko intumbero yari afise y’intwaro rusangi mu migambwe myinshi yashitweko, n’aho ubutegetsi budashoka bwubahiriza ubwigenge bw’iyo migambwe. Bamvuginyumvira atangazwa n’ukubona umugambwe utwara ubu wiyitirira uwa demokarasi, ariko ntushake gukurikirana abagandaguye incungu y’iyo demokarasi. Aratangazwa n’imvugo y’uko urubanza rwa Ndadaye ruzokurikiranwa nihashirwaho umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira, kandi ku bwiwe abateguye n’abashize mu ngiro umugambi wo kumugandagura bahari, bazwi, bamwe muribo mbere bakaba bakiriho.

JPEG - 43.8 ko
Ferederiko Bamvuginyumvira, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU

Domisiyano Ndayizeye, yahoze arongoye Uburundi akaba kandi ari mu mugambwe Sahwanya FRODEBU nawe nyene abona ko abategetsi bataratahura ko ata mahoro abantu bikunda ubwabo, ntibatunganirize ababitura, canke bubahirize agateka kabo. Kubwiwe rero, ukwibuka Ndadaye Melchior kwoba ukwubahirizairagi ryiwe, abarundi n’abategetsi bakunde igihugu cabo, kandi bige ingendo yo gusabikanya.

JPEG - 41.2 ko
Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi

Egide Nduwimana

Messages

  • Ababantu bagandaguye ndandaye.bagomba gushyikirizwa ubutungane. kuko nibikoko .nibabyicaye iburundi? barundi shuti zumusaraba murasenge cane kuko niba ibibikoko bikibaho muragowe?

  • Ndadaye yishe nakagamakiwe ubundiho yarabobako atarigukorana nabikomagu bamuronderabona ntitamukingira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.