IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 48 iraheze umushikirangoma Pierre Ngendandumwe agandaguwe

Imyaka 48 iraheze umushikirangoma Pierre Ngendandumwe agandaguwe

mardi 15 Nzero 2013

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 15 Nzero, u Burundi buribuka umushikirangoma wa mbere w’umwami mwambutsa wa 4, Pierre Ngendandumwe,akaba ari umwe mu ncabwenge za mbere z’u Burundi, imbere y’intahe y’ukwikukira .

Pierre Ngendandumwe yarakoranye n’incungu y’ukwikukira kw’u Burundi, Rudoviko Rwagasore, muri Reta ya mbere inyuma yaho u Burundi buronkeye intahe y’ukwikukira. Yarigeze kuba icegera ca mbere c’umushikirangoma wa mbere, yaranabaye umushikiranganji w’ikigega ca Reta.

JPEG - 4.1 ko

Mu nyuma yahavuye agenwa kuba umushikirangoma wambere incuro zibiri zose, ariko akaba ata mahigwe yo kubandanya ayo mabanga ubugira kabiri yaronse, kuko yaciye agandagugwa inyuma y’amezi make agenywe muri ico kibanza.

U Burundi bukaba butorohewe muri uyo mwaka kuko na Léopold Biha yari yagenywe kumusubirira nawe yaciye yicwa.


Marie Claire Ingabire

Messages

  • Twomenyesha ko Leopold Biha yari yasubiriye Ngendandumwe Pierre atishwe nkuko vyanditswe aho hejuru; mugabo yatewe iwe agakomereka cane . Ntihenze yoba akiriho canke apfuye vuba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.