IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka 50 irarumanye Ngendandumwe agandaguwe...Yari nde? Yamaze (...)

Imyaka 50 irarumanye Ngendandumwe agandaguwe...Yari nde? Yamaze iki?

jeudi 15 Nzero 2015

Imyaka 50 irarumanye umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe agandaguwe, aho kugeza n’ubu uwamwishe ataramenyekana.

Petero Ngendandumwe

Hari kw’igenekerezo rya 15 Nzero umwaka w’1965, imbere y’ibitaro vyitriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore aho yicwa avuye kwibarutsa umukenyezi wiwe. Umushikirangoma Ngendandumwe akaba yari yavutse mu mwaka w’1930 mu ntara ya Ngozi. Akaba yari yize amashure yiwe mu makaminuza atandukanye nk’i Kinshasha hamwe n’i Louvain, aho yaciye aronka urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu gisata c’uburongozi na poritike.

Bikavugwa ko Petero Ngendandumwe co kimwe na Pau Mirerekano bari abantu bishikira b’umuganwa Rudoviko Rwagasore, ndetse bakaba bari nabo baza n’ubwa mbere mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA washikanye Uburundi ku ntahe y’ukwikukira, eka mbere bakaba mu bafashanije rwose na Rwagasore kuronderera Uburundi intahe yo kwikukira.

Imbere y’uko Petero Ngendandumwe agandagurwa, hakaba hari habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta yari yashinze. Nk’uko yari yabisabwe n’umwami Mwambutsa, Reta yari yashinzwe ku wa 7 Nzero yarimwo abatutsi 7 n’abahutu 6, yose ikaba yari igizwe n’abantu 13. Ku wa 15 Nzero iyo Reta ikaba yaciye ishirwa ahabona, maze haca haba imyiyerekano yo kuyiyamiriza nk’igihe c’isaha zitandatu. Inyuma y’aho, mw’ijoro nk’isaha z’ibiri, akaba ariho yagandagurwa avuye kwibarutsa umukenyezi wiwe mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rwagasore.

Mariya Treza Ngendandumwe

Mukamenya ko Petero Ngendandumwe yari yubakanye na Mariya Tereza, umuforomakazi yava mu miryango y’abaganwa bo mu Buraruko bw’igihugu. Mariya Tereza na Petero Ngendandumwe bikavugwa ko bari bahuriye bose i Kinshasa iyo bari kwiga.

Mu mwaka w’1961 niho bubakana, Petero Ngendandumwe yari umushikiranganji w’ikigega ca Reta, mu nyuma mu mwaka w’1963 akaba yagenywe kuba umushikirangoma wa mbere kugeza agandagurwe. Abamuzi bakavuga ko atigeze ahemukira igihugu ndetse n’umugambwe wiwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

  • Inzira karengane! Mbgega ko barondera abishe ubwo ubutungane ntibwobanza bukerekana uwamwishe, yamara ubutungane bw’uburundi buriho butariho!

  • Mbega Umuhutu Mwiza,Umugabo Mwiza. Inzira Karengane Yishwe n’Inyamaswa! N’ukuri...on a voulu exterminer nos hommes depuis longtemps mais heureusement ils n’ont pas réussi àtous les tuer. Que son âme repose en paix!

  • Duhereka umuhutu wijambo ikihari ubu haje ubahutu bijavyi!!!!!nabahari bameze nkawe baragajwe abandi nabo ntajambo ntakurindA bafise?nkawe kurya washijeze reta uko uyishaka umwami akanka?ariko ukakomeza akashiramwo abatutsi abahutu abaganwA bakaba inkehwa ??ariko ntivyabujije ko abahutu bakotana nabaganwa mukukwira (ariko harasigaye umintu nkawe umwe(Mbinimpa)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.