IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka yemeje abagiye guserukira igihugu mu makungu

Inama nkenguzamateka yemeje abagiye guserukira igihugu mu makungu

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Abakenguzamateka bemeje amazina y’abagiye guserukira iguhugu c’uburundi mu makungu hari uno munsi kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2013.

Ni Pascal Ruhomvyumworo wo m’ubwoko bw’abahutu ava mu ntara ya Karuzi,yatowe ngo aje guserukira u Burundi mu guhugu ca Norvege akaba afise icicaro ku mugwa mukuru oslo na Dieudonnée Ndabarushimana yatowe ngo aje guserukira u Burundi m’u Bufaransa.

Ubutumwa busaba inama nkenguzamateka kwemeza abo bagiye guserukira u Burundi,buri mw’ikete umukuru w’igihugu yarungikiye inama nkenguzamateka,ryakurikiwe n’umwanya abashingamateka baronse wo kwumviriza insiguro z’umushikiranganji w’imigenderanire,imbere y’uko babemeza ijana kw’ijana.

Abakenguzamateka baboneyeho akaryo ko kubaza nimba abo bagiye guserukira u Burundi ari abantu bazoshobora guserukira igihugu ku nyungu zabo canke ku nyungu z’igihugu,bongera basaba ko boronswa uburyo bukwiye bakoresha mu kazi kabo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.