IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkuru y’umutekano yasavye ko ibikorwa biba birahagaze kw’isoko nkuru (...)

Inama nkuru y’umutekano yasavye ko ibikorwa biba birahagaze kw’isoko nkuru ya Bujumbura

lundi 28 Nzero 2013

Nk’uko twabivuze mu makuru yacu yo hanyuma,isoko nkuru ya Bujumbura yarahiye iratokombera,ubu ikaba atakintu kiyisigagyemwo.Ni kuri izo mvo inama nkuru y’umutekano yasavye ko yoba irugawe kugirango barabe icokorwa.

Kugirango umuriro ntutandukire inyubakwa ziri iruhabnde y’isoko vyabaye ngombwa ko haza indege ivuye mu gihugu kubanyi c’u Rwanda kugirango ifashe za kizimya mwoto .Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaciye amenyesha ko haca hakorana inama nkuru y’umutekano.

Muri iyo nama rero hakaba hafashwe ingingo yuko iyo soko iba irugawe kuko bidakunda ko abantu babandanya kuyikoreramwo,hakaba harashinzwe ho n’umugwi ujejwe kugira amatohoza,kugira hamenyekane icatumye umuriro waduka.Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umunyamabanga mukuru w’inamankuru y’umutekano, Colonel Prime Ngowenubusa.

JPEG - 73.3 ko

Iyo nama nkuru y’umutekano ikaba isaba abarundi bose kuja hamwe kugirango umwe wese aterera ico ashoboye,kugiranmgo iyo soko isubire kwubakwa.Inama nkuru y’umutekano kandi irasaba reta y’ u Burundi kurondera ibindi bibanza abadandaza bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bumjumbura baba barakoreramwo.

Inama nkuru y’umutekano ikaba irangiza isaba ko abarongoye isoko nkuru ya Bujumbura,bokorana n’ubushikiranganji bw’ubudandaji kugira bagire icegeranyo c’ivyononekaye.

Foto: iwacu-burundi


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.