IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’abafasha Uburundi iritezwe muri Mukakaro

Inama y’abafasha Uburundi iritezwe muri Mukakaro

lundi 3 Ruheshi 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nayakubahwa Gerevazi Rufyikiri ari mu rugendo mu gihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi 2013, aho azovugana n’abategetsi bico gihugu ku bikjanye n’umugambi wo kurwanya ubukene CPLS2.

Muri urwo rugendo arimwo, nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri, azoja i Washington n’i New York, aho azobonana n’abarongoye ibanki y’isi n’abarongoye ikigega mpuzamakungu FMI. Muri urwo rugendo kandi azoronkeraho n’akaryo ko gusigura aho umugambi wo gufasha Uburundi mu kurwanya ubukene ugeze, ndetse n’aho bitaragenda neza.

Ni umuwanya kandi ku cegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi wo gutumira abo bategetsi batandukanye kuzitaba inama izohuza abasanzwe bafasha izoba kuva mu kwezi kwa Mukakaro na Gitugutu muri uyu mwaka w’2013.

Twobibutsa ko umugambi wo kurwanya ubukene ku Burundi CPLS2, washiriweko umukono i Génève muri Gitugutu umuwaka w’2012, aho abafasha Uburundi n’incuti z’Uburundi bari bakoranye kugira bagire ico batereye mu gufasha kurwanya ubukene.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.