Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’abafasha Uburundi iritezwe muri Mukakaro
Inama y’abafasha Uburundi iritezwe muri Mukakaro
lundi 3 Ruheshi 2013
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nayakubahwa Gerevazi Rufyikiri ari mu rugendo mu gihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi 2013, aho azovugana n’abategetsi bico gihugu ku bikjanye n’umugambi wo kurwanya ubukene CPLS2.
Muri urwo rugendo arimwo, nyakubahwa Gerevazi Rufyikiri, azoja i Washington n’i New York, aho azobonana n’abarongoye ibanki y’isi n’abarongoye ikigega mpuzamakungu FMI. Muri urwo rugendo kandi azoronkeraho n’akaryo ko gusigura aho umugambi wo gufasha Uburundi mu kurwanya ubukene ugeze, ndetse n’aho bitaragenda neza.
Ni umuwanya kandi ku cegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi wo gutumira abo bategetsi batandukanye kuzitaba inama izohuza abasanzwe bafasha izoba kuva mu kwezi kwa Mukakaro na Gitugutu muri uyu mwaka w’2013.
Twobibutsa ko umugambi wo kurwanya ubukene ku Burundi CPLS2, washiriweko umukono i Génève muri Gitugutu umuwaka w’2012, aho abafasha Uburundi n’incuti z’Uburundi bari bakoranye kugira bagire ico batereye mu gufasha kurwanya ubukene.
Aristide Nizigire