IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege iheruka kurwa mu misozi ya Alpes yakorowe n’umudereva (...)

Indege iheruka kurwa mu misozi ya Alpes yakorowe n’umudereva wayo

vendredi 27 Ntwarante 2015, par IGIHE

Andreas Lubtz bivugwa ko ariwe yakoroye ya ndege iheruka kugira isanganya ikorokera mu misozi Alpes.

Yari wenyene rudende mu kibanza c’imbere, kandi yumva. Ariko rero uwo mugabo yarihojeje kapitene w’indege, naho yagumye amuhamagara amusaba kumwugururira. Uwo mugabo kandi yarihojeje n’amajwi ya bamwe bakurikiranira hasi urugendo rw’indege. Bikavugwa ko yari afise indwara y’akabonge, mu mwaka w’2009 akaba yari amaze umwaka n’inusu wose ariko ayivuza mu kigo gisanzwe kibijejwe. Andreas Lubz, yari azwi rero nk’umuntu atekereje kandi yitaho abandi, yari amaze umwaka n’igice aronse urupapuro rw’umutsindo rwo gutwara indege.

JPEG - 26.6 ko
Andreas Lubtz yatumye indege A320 ikoroka

Luftansa, ikompanyi Gemanwings ikukirira, yavuze ko izokorana n’ubutegetsi bw’Ubudagi, abajejwe ingendo zo mu kirere, n’amashirihamwe y’abadereva, mu ntumbero yo gusanura igisata co gutanga imyimenyerezo muri uwo mwuga wo gutwara indege, n’ibifatirwako mu kwinjiza abantu muri ako kazi.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Lufthansa, Carsten Spohr, avuga ko urugero rw’inyigisho zabo rumaze igihe kirekire rusuzumwa, kandi ko naho umutekano wokwitabwaho gute, atacobuza umutima umudereva yoba afise w’ukumena indege.

Iyo ndege yari ivuye i Barcelone igiye Duesseldolf, kandi bivugwa ko yoba yatabaje imbere yo gushika hasi mu muji wa Digne –les-Bains. Iyo ndege 4U 9525, uretse ingenzi 142 yari itwaye, yarimwo n’abakozi bo mu ndege batandatu. Bose bakaba baraguye muri iryo sanganya.


Floxella Karire

Messages

  • Iyaba atitwa Andreas Lutz akaba yitwa nka Saidi canke Muhamad, yari kwitwa Terrorist kandi ubu isi iba yahagurukiye Islam. Ariko uyu we nta n’idin i ryiwe rivugwa kandi Ivyo yakoze ntaho bitandukaniye na bimwe bakora New York le 11 September.

  • Ico ciyumviro ca mugenzanje gisa na co kuko vraiment iyaba yari umuntu ameze nk’uko amuvuze, ntimwibaze ngo vyagenda uko;

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.