IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Celestin Bukuru > Indirimbo mpimbazamana z’Abarundi zirahabwa ubushimwe mu makungu

Indirimbo mpimbazamana z’Abarundi zirahabwa ubushimwe mu makungu

dimanche 23 Ntwarante 2014

Abaririmvyi b’Abarundi bari mu bihugu biri hirya no hino kw’isi baguma baduha ubutumwa batubwira aho bagejeje igikorwa co kuririmba no kumenyekanisha Uburundi mu makungu. Bukuru Célestin aririmba indiririmo mpimbazamana muri Reta Zunze za Amerika, atubwira intambwe ageze ko mu kuririmba, n’ubushimwe amaze gutahukana aho mu mahanga.

Bukuru Célestin yavukiye mu Burundi muri ntara Bururi, mu Rumonge mu muryango w’abakunda Imana nk’uko avyivugira, ni nako gutangurira kuririmba muri ya mirwi y’abana yitwa "Sunday Schools". Célestin atubwira ko yatanguye kuririmba mu mwaka w’2005, ariko umwaka w’2011 niho yashira indirimbo ziwe ahabona. Ico gihe yaciye akorana n’umurwi wo muri Reta zunze ubumwe za Amerika uherutse kuronka agashimwe ka Grammy Awards kubera umudiho wa R&B uririmbamwo. Célestin yabandanije akora umuziki mu gushira ku ma Vidéo zimwe mu ndirimbo yatanguriyeko kuririmba nka "Yesu", mu nyuma yakoze urukwirikirane rwitwa "Amkeni" rwahavuye ruronka ikibanza c’umunani 8 mw’ihiganwa rya World Itunes.

Célestin Bukuru avuga ko akunda igihugu c’amavukiro ciwe ari naco gituma indirimbo ziwe nyinshi ziri mu ruririmi rw’ikirundi. Kubera urwo rukundo, atubwira ko ari naco gituma yahisemwo kwifadikanya na Aline Vyuka muri wa mugambi Aline Project wo gufasha impfuvyi z’Abarundi.

Amwe mu masanamu ya Celestin ari mu biteramo

Umviriza ururirimbo "Mwami Wanje", Célestin yaririmbanye na Jonathan


Chérif Nkeshimna

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.