IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo zaroye mu ngiro mu gukingira inzuzi zica mu gisagara ca (...)

Ingingo zaroye mu ngiro mu gukingira inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura

samedi 17 Myandagaro 2013

Ubuyobozi bw’itunganywa ry’igisagara bufadikanije n’ubushikiranganji bw’ibidukikije, bwarafashe ingingo yo gusambura inzitiro zose zubatswe ku nkengera y’uruzi Nyabagere. Ivyo vikaba biri mu ntumbero yo gukingira inzuzi zica mu gisagara ca Bujmbura.

Inzitiro zine zo muri karatiye Ngagara y’9 hamwe n’umushinge w’inzu iri muri karayiye y’amahinguriro nivyo vyasenyuwe ku ngingo y’ ubuyobozi bw’itunganywa ry’igisagara bufadikanije n’ubushikiranganji bw’ibidukikije kuri uyu wa gatanu itarike 16 Myandagaro. Akaba ari mu ntumbero y’ubwo bushikiranganji. Intumbero yo gukingira inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura.

Abanyagihugu baherereye muri ayo makaratiye bakaba bafise amamakenga ko iyo ngingo yoba ariyo gutuza abaho maze ibibanza vyabo bihabwe abandi. Ariko umushikiranganji wíbidukinkije n’itunganywa ry’ibisagara, Nduwayo Jean Claude, akaba ahumuriza iyo ngingo atakindi igamije atari ugukingira inkengera z’inzizi zica mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo mushikiranganji aragabisha abantu barenze uburimbi bw’amatongo yabo mu kwubaka. Anabasaba ndetse ko abazi ko bakoze ayo makosa bokwitunganiriza bonyene, bagakura ho inyubakwa zarenze akarimbi. Ataruko naho izo nyubakwa zizosamburwa ku nguvu ntagisivya.


Bukuru Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.