IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Inkororajipo" : Imwe mu nzoga ziterwa ivyatsi n’umukuru w’igihugu

"Inkororajipo" : Imwe mu nzoga ziterwa ivyatsi n’umukuru w’igihugu

mercredi 26 Ntwarante 2014

Abanyagihugu basabwa kuvavanura n’ingeso mbi zibatuma umwimbu wabo uherera mu masoko bashora ivyo bimbuye, kugira baronke amafaranga yo kwihereza zimwe mu nzoga zisanzwe zitemewe n’amategeko.

Mu bituma umwimbu, iterambere ry’abanyagihugu bitisununura, umukuru w’igihugu avuga umugwazo. Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu akaba amenyesha ko umugwazo ari kimwe mu bituma abanyagihugu badatera imbere, mu ntara usanzwe ukorwamwo. Umugwazo rero ukaba uvugwa cane mu ntara za Kirundo, Karuzi, Muyinga n’ibice bimwe bimwe vya Ngozi. Umugwazo ukaba utuma abanyagihugu badandaza umurima utarera, ugeze kwera ugasoromwa n’abandi.

Eka si ivyo gusa mu bituma ubutunzi bw’abanyagihugu buherengetera. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avuga nk’abashora ivyo bimbuye, kugira baronke amafaranga yo kwihereza inzoga zimwe zimwe nk’umudiringi, umunanasi, inkororajipo, n’izindi. Izo rero abazishinze bakaba baba banyuranywe n’iterambere, ari naco gituma abanyagihugu bazinywa bova i buzimu bakaja i buntu, bakijukira ibikorwa vy’iterambere, aho kwishinga ibibasubiza inyuma.

Tukabamenyesha ko izo nzoga zitemewe n’amategeko zidandazwa mu mpisho, ariko zikaba zimaze iminsi ziseswa hamwe hamwe mu ntara zo hagati mu gihugu. Abanyagihugu ariko bakaba bagiriza bamwe mu bajejwe intwaro hasi, kuba bahengekera bamwe mu bakora, bakanadandaza izo nzoga.


Aristide Nizigire

Messages

  • Tera imbere turagushigikiye.
    Abanywa iyo nzoga nayo bita umugwazo, nibikubite agashi.

  • Turafise un ministre ashobora kuba adakwije mumutwe,ngo bishike kuri shebuja we nagahozwe.Ivyobavuga nivyobituma tubiyumvira uko.kurenga amategeko babibona,bakabikora nibigirankana,jewe mbona ko nejo nejobundi uwuzosubira kwitoza aze apimwe CANE CANE MUMUTWE kandi ntapimirwe mugihugu kuko yohava atanga igiturirere akazana ivyerekana ko akomeye kandi atarivyo.

  • Iyo mirima itarera bayigurisha kubera ubukene bafise,aho gushiraho politique yo gukura abanyagihugu mu bukene ngo nibahagarike iyo mirwazo!none ko ikiyeri batocubahuka banywe iki? Ico sico gitumye abanyagihugu bakenye.itunga Rya leta,ryiziziwe nakarwi kabantu bake abanyagihugu nabo batubitse umukanda.ahubwo nimwikubite agashi,mushire imbere inyungu za bose.

  • Nimureke abanyagihugu bipfire nabi kuko ingorane zituma abanyagihugu bakora ivyo nubutegetsi butitaho abanyagihugu, kuko nti ntimwovuga ngo nibareke kugurisha ako kayoga kabo kumbure niko kamufasha kurihira umwana ishure, ntimwirengagize ko abarundi benshi batagira ikibafasha mugabo ntibitangaje babivuga bari buja ntibomenya ko ar’abo bwira bakizinga nimubafashe ahubwo kuko mubaseseye mubamanize.

  • Perezida Nkurunziza n’umugambwe wawe CNDD-FDD muhora muvuga ngo ADC-Ikibiri n’iyo ituma abanyagiugu batarangura imigambi yanyu,none ADC nibo bahimiriza abo banyagihugu kwijukira izo nzoga zibujijwe?Ahubwo urabanza nawewe prezida ukwirikize amategeko yo kutazitoza ubwa gatatu kuko amategeko ntabikwemerera!Wewe uturongoye iyo utubahirije ibibuzwa n’amategeko,ushaka abanyagihugu babe aribo bayubahiriza banigorewe bivuye k’uburongozi bubi bwewe?Mbega umu prezida yiyambika urushato rw’intama kandi ari imfyisi!

  • Ivyo vyose babikora kubera intwaro yawe ataco yabamariye ,none akazi bokora karihe kugira babeho ?

  • Excellence monsieur le président vous vous habilles très mal j’aimerai bien vous habillé franchement mais le plus pire c’est votre épouse ca me fous la honte la façon dont vous vous habillez allez changez vos look

  • Barundi barundikazi turaterwa numubabaro nivyo president nkurunziza akora mbega koyiruka kurabo barondera akajumbu kumwana muri zonzoga ariko we yariye indege ntawamwirutseko ubu abanyagihugu akaba iribo bariko barahagarama mugutanga imisoro batazi bariha ivyo batariye knzara yateye kubera ubutegetsi bubi umukuru wigihugu cuburundi yapfiriye mugihugu curwanda arikumwe na havyarimana ntaco yakivuzeko oriko abikorera utuyoga ariko abirukako nki mpongo taracamurindiye kukibazo ca ntaryamira tuguhanzamaso

  • None ga nyakubahwa president nkurunziza ntuterwa nisoni iyo uhagaze imbere yamikoro uvuga kumunanasi nakarutuku nu mukororajipo akabazo gatoya cane gose tureke gushiramwo buramatari tuvuge nyumba kumi shefu wa zone musitanteri ako kabazo bogatorera umuti mwisegonde imwe reka kutumaramaza mumakungu kuvugira inzoga uri president na buramatari ataco aravuga ndetse na musitantero atacoaravuga hangamaso kubikuraba ntutumaramaze twebwe abari mumahanga

  • abana bakura akarorero ku muvyeyi kuk wiba uhetse ukaba wigishije ico kitazi.

  • President aho kwitaho ikibazo kijanye niyo soko ya bujumbura amahera yatanzwe nibihugu vya buraya kugiran
    go musanure isoko ayomahera yagiyehe
    Siyo ariko araduza ama etage amazu akomakomeye yabategetsi ariko abagandaza bariko biyuha amosozi babuze ayo bacira nayo bamira rekakugenda musahuye igihugu aho kugitezimbere nimwe mugipfukamye munda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.