IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara zitanu zaronse uburenganzira bw’ugutanga impapuro zimwe (...)

Intara zitanu zaronse uburenganzira bw’ugutanga impapuro zimwe zimwe

lundi 22 Ndamukiza 2013

Intara zitanu zararonkejwe uburenganzira bwo gutanga impapuro zimwe zimwe zahora zitanngirwa I Bujumbura,izo nazo zikaba ari nka mureke arengane rwahora rutangirwa muri Pafe,urupapuro rwahora rutangwa n’igi polisi c’inyamiramabi PJ,hamwe n’igipolisi kijejwe ivy’uruja n’uruza n’umutekano PSR na SR.

Ubu rero izo mpapuro zose zi zotangirwa mu ntara z,itanu zatowe kuva mu kwezi kwa Rusama,izo ntara nazo ni: Muyinga,Ngozi,Gitega,Mwaro na Bururi.Ibikorwa vyo gutanguza iyo migambi bikaba vyabereye I Muyinga inyuma y’ugutera imikono hagati ya PAFE,PJ,PSR n’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,ubw’umutekano be n’ubw’abakozi n’akazi .Ivyo bikaba bije gufasha abanyagihugu bahora barinda kuja i Bujumbura,kuko ubu bazohora batorera izo mpapuro mu turere iwabo.


Floxella Karire

Messages

  • Imana ishimwe vraiment. Ni ikintu ciza caane. Komereze aho twari tararushe. Ariko attention ntihazojemwo igiturire. PAFE yari yarabikosoye ariko ntiduhave dusanga arico kigarutse.
    Uzi ko na Karangamuntu mu ntara zimwe zimwe nka Bururi mu Rumonge nzi udashobora kuyironka udatanze aumoins 5000Fbu?? Laissez passez zo bazotwica?? erega i Burundi ntacamira!!!!! Wait and see!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.