IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro y’amategeko cumi niyo iriko irigwa n’inama nshikiranganji

Integuro y’amategeko cumi niyo iriko irigwa n’inama nshikiranganji

mercredi 23 Gitugutu 2013

Inama nshikiranganji y’Uburundi yakoranye mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu mu bikorwa vy’iminsi ibiri bizorangira ku munsi w’ejo kuwa kane. Integuro y’amategeko cumi ashikirizwa n’ubushikiranganji butanu niyo yateguwe kwigwa n’inama nshikiranganji.

Muri iyo nama ya mbere inyuma y’iyimikwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ryabaye ku munsi w’ejo kuwa kabiri, bitegekanijwe ko biga integuro y’itegeko rigenga ishingwa, itunganwa, ishirwa mu ngiro n’ubushobozi bwa sentare idasanzwe y’amatongo n’ayandi matungo, iyo nteguro ikaba ihava ishikirizwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji w’amashure yisumbuye n’ubushakashatsi niwe ahava ashikiriza umugambi w’integuro y’ishingwa ry’urwego rukurikirana ibijanye n’ururimi rw’ikirundi (Académie Rundi), hamwe n’izindi ndimi zivugwa mu gihugu c’Uburundi.

JPEG - 37.5 ko
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Integuro y’itegeko rigenga itunganwa ry’ukuja mu buhinga none (Projet de décret portant organisation du passage à la diffusion de contenus audiovisuels par voie hertziennes en mode numérique) nayo iri ku rutonde rw’ivyigwa, ikaba ihava ishikirizwa n’umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ashikiriza integuro y’itegeko rigenga itunganwa ry’uburovyi, n’ubworozi bwo mu mazi. Mu guheraheza, imbere y’uko biga utuntu n’utundi, umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu akaba ariwe ashikiriza integuro y’itegeko rigenga ukwisunga kw’Uburundi ku masezerano y’i Apostille yo ku genekerezo rya 5 Gitugutu 1961. Aramenyesha kandi uko inyubakwa Leta y’Uburundi yashikirije ishirahamwe PNUD zifashe hamwe n’ikibazo c’amadeni y’izo nyubakwa. Bitegekanijwe kandi ko umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ashikiriza uko umutekano na politike mu gihugu ca Centrafrika vyifashe, n’intererano y’akarere isabwa n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale). Ibiza kuva muri iyo nama nshikiranganji izosozerwa ku munsi w’ejo kuwa kane tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

JPEG - 35.2 ko
Filipo Nzobonariba, umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta y’Uburundi

Egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.