IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro z’ingingo 11 mu nama nshikiranganji

Integuro z’ingingo 11 mu nama nshikiranganji

jeudi 10 Gitugutu 2013

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Nyakanga irongowe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ku rutonde rw’ivyirwa uyo munsi bikaba zari integuro z’amategeko 11.

1.Integuro y’itegeko risubiramwo bimwe bimwe mw’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi

2.Integuro y’itegeko no 1 /01 yo ku wa 4 Nzero mu mwaka w’2011 igena igikorwa, itunganywa, n’ukwo umurwi w’igihugu w’amatongo n’ayandi matungo wokora.

3.Integuro y’itegeko ishiraho itunganywa rya sentare idasanzwe y’amatongo n’ayandi matungo.

4. Integuro y’itegeko yemeza ugufashanya hagati y’Uburundi n’ikigega ca Koweit c’iterambere n’ubutunzi mu mugambi wo gusanura ibarabara rya Bujumbura-Nyamitanga, ryateweko umukono ku wa 27 Ntwarante umwaka w’2013.

5. Integuro y’itegeko yemeza ugufashanya kwa Republika y’Uburundi n’ikigega ca Arabiya Saoudite co gufashanya mu mugambi wo gusiga ikaburimbo ibarabara rya Bubanza Ndora. Mu gice ca mbere ni Bubanza-Ntamba, mu gice ca kabiri ni Ntamba-Ndora. Ayo masezerano akaba yateweko umukono kuwa 29 Mukakaro umwaka w’2013.

6. Integuro y’ukwumvikana hagati y’Uburundi na Tanzaniya ku bijanye n’ibarabara ry’indarayi rizoca i Musongati-Uvira-Tabora.

7.Igitabu c’uguteza imbere ururimi kavukire

8. Itunganywa rishasha ry’uguhanahana amakuru muri Leta

9. Integuro y’itegeko nshikiranganji rishiraho rikongera rigatunganya umurwi w’igihugu w’ubuhinga.

I0. Integuro y’itegeko nshikiranganiji ishiraho itunganywa ry’umugambi wa Leta wiswe charroi zero mu mashirahamwe ya Leta n’ibigo vya Leta.

11 Integuro y’itegeko nshikiranganji ryerekana ikoreshwa ry’imiduga ya Leta mu mugambi wa charroi zero, n’utuntu n’utundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.