IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > International Crisis Group yasavye ko Abasirikare b’Uburundi (...)

International Crisis Group yasavye ko Abasirikare b’Uburundi botahukanwa

samedi 21 Rusama 2016, par egide

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukinga amatati kw’isi International Crisis Group, ryasohoye icegeranyo cerekana ivyo cise inkurikizi z’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza. Iryo shirahamwe ryasavye ko Abasirikare b’Uburundi barungitswe kugarukana amahoro mu bindi bihugu botahukanwa iwabo.

Iryo shirahamwe ridomako urutoke ingorane ziri mu gihugu, rikanahanura ivyokorwa kugira Uburundi busubire kwogorora.
Muri ico cegeranyo, nk’uko tubikesha VOA, International Crisis Group yerekana ko Abarundi isinzi bahunze igihugu, ko mu Burundi haba ingwano hagati ya Reta ya Nkurunziza hamwe n’imirwi itaramenyekana neza, ko ubutunzi n’umutekano vyagumye bitituka naho Reta y’i Bujumbura ivuga ko vyose bigenda neza.

International Crisis Group igashimikira cane cane y’uko naho amasezerano y’i Arusha yasa nayari yaratoreye inyishu ikibazo c’amoko mu Burundi, ko ibintu vyasubiye ibuti.
Iryo shirahamwe rihanura Reta kwemera ibiganiro vyubaka bitarimwo uruhendo, kureka ibinyamakuru vyigenga n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gukora mu mwidegemvyo, hamwe no guhagarika gutoteza abatavuga rumwe na Reta.

Ishirahamwe International Crisis Group rihanura imigambwe itemera Reta ihari ko yokwiyubara gukoresha inguvu, ikitwararika nyabuna ibiganiro vyubaka hamwe na Reta kugira amatati ahere.
International Crisis Group isaba kandi ko amashirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ubumwe bwa Afurika, umuryango w’ibihugu vyo mu buseruko bw’Afrika hamwe n’ubumwe bwa Buraya kuvuga rumwe babanje gushiraho umurwi mpuzamakungu uhagarikira ibiganiro.

Muri icyo cegeranyo, uwo muryango uvuga ko hakwiye kandi umurwi uhurikiyemwo CNARED, FNL hamwe na CNDD-FDD kugira batosorere hamwe amasezerano ya Arusha, babone kuyumva kumwe.

International Crisis Group isaba ibihugu n’amashirahamwe yahagaritse imfashanyo mu Burundi gusuzuma neza ko amashirahamwe akironka mwene izo mfashanyo ataho ahengamiye.

Ubumwe bwa Buraya busabwa kandi kudacisha muri Reta amafaranga ahabwa abasirikare barungitswe muri somaliya, mbere ubwo bumwe bwa Buraya bukarondera ibindi bihugu vyosubirira Uburundi kugira abasirikare b’Uburundi batahukanwe iwabo.

IGIHE

Messages

  • Ni danger wallah! Finally ibintu bigeze ahakomeye, Nkurunziza it’s his last time to think well and decide what to do.

  • Ntakizoba Imana Atakiretse,kandi Itabishatse.Gusa Abanyagihugu Musenga Muze Dusenge.Hazoba Ibikwiye.

  • IYI NKURU NTIHUYE NA TITRE NICO CEREKANA UBUBESHI BWANYU. UMWANYA UMWE NGO INTERN.CRISIS UWUNDI MWANYA NGO UBUMWE BWA BURAYA. BA MUDUHA INKURU MWANOGANGIJE

  • Ngwibindi bihugu bisubirira uburundi? Abarundi bababwiye ko barushe? Basha! Isazi yuririye iyindi ku giti nayo iti: nzoza mbona biramye!

  • Ariko nanubu ntimuva ku izima nibatahe hama hajeyo abanyarwanda ariko mureke abarundi bikorere kandi babeho ubwo bwoko bwanyu mwariyononye mbe izo za onu ubumwe bwuburayi ntibakwigira demokrati mu burundi nicyo gihugu cyonyine cya afrika kuvuga non kuri bagashaka buhake mwaramaramaye nabo bazungu musasira mukaba urikazi. U burundi nabarundi nyabo kandi benshi tuvyumva kumwe nta Ntamwe nya mufite I burundi nimugume muri iyo paradison yu Rwanda mawama muririmba mushaka iki kuburundi muzatangara nubwo abasuma Rwanda amarika naburayi bashaka kwibwa abarundi nuburundi bagamije kubukura ku ikarita ariko buzagumaho kuko ntanumwe muritwe waburemye kandi twese tuzabusiga ari u burundi. Aho musasira konka ibere rya kagame ryo gutekinika kubeshya igihe kizavuga ibyawe semuhanuka uwo ushaka ko abatutsi nabahutu batemera amaberebere yakagame nakarwi kiwe ya virus yo guhonya abatumva politiki yo kwica no gukandamizwa bagomba guhigwa bakicwa ishyari mufite president Nkurunziza rirarenze! !!

  • Ahubwo nibintu bitangaje cane kubona onu yemera ko inteko zuburundi ziguma mubikorwa vyokubungabunga amahoro mugihe mugihugu iwabo vyabananiye kuwubungabunga mbere zimwe murizongabo akaba arizo zifise uruhara mubwicanyi budasanzwe buhitana abanyagihugu abatabifisemwo uruhara nabo bakaba baguma binumiye mugabo onu ikaba iguma ibakoresha murivyo bikorwa mbere ntinatinye guha amanga abasirikane bamwebamwe baba banavuzwe kugira uruhara murubwo bwicanyi mugihe twumviseko umusirikare wa Congo yagirijwe gufata kungumvu vyaciye biyivirmwo ko ingabo zayo zose zitahukanwa zigasubira iyozaje ziva nakamaramaza kwishirahamwe mpuzamakungu onu kubona rikora ibintu nkivyo muguha impigi abahungabanya agateka kazina muntu mugihe aribo baribashinzwe kukubahiriza nkabona ko murikazoza imigenderanirw y’uburundi na onu ishobora kuzocumbagira kuko ahozihindurira imirisho igihugu kikaronka inzego abarundi tuzokenera kumenya uruhara rwa onu mumpfu zabacu zabaye onu irorera mbere inaguma iha impigi abatumarira abacu nkuko yabigize 94 murwanda

  • ngahorere karabaye mbenone nkurunziza kuki ashaka gufata uburundi nkitongo ryiwe?reka izongabo bazirukane uzurabe agahinda jewe icombona nugusenga imana .

  • IGIHE BAJA MUGISO NTIBAKIGIYEMWO BAZIKO BAZOJAHANZE NIBAZE BAKORERE IGIHUGUCABO KANDI NTIBACHAVURE

  • KOYAHORA ARAMIKORO YABASODA NONE BOBAKURAYO NTIBAZOHAVA BAGUMUKA UBUSUMA BUKAGWIRA EMW ABASENGA DUPFUKAM DUSENG NAYAHANDI NI DANGER!

  • Cette proposition est très correcte. La population burundaise surtout les gens vivant dans les quartiers contestataires au 3è mandant de Pierre NKURUNZIZA se voient anvahi et tuée par les forces de l’ordre pronkurunziza. Pas de forces pour protéger cette population. Je soutiens à100/100 le retour de ces forces.burundaises. Qu’ils viennent protéger la population burundaise en danger s’ils en sont capables.

  • Uburundi ntaco Buzoba,ivyo Bamaz Kwugara Biruta Ibi Mwandits, Ark Abarundi Turacariho! Hama Ikibabaj Nuko Nzobona Mwebwe Nye Mugaruk Kutwisemba,

  • Iyi nkuru isa n’igihuha. Ikindi kandi tutaramenya, iyo uravye ivyo abantu bandika , wokwibaza uti:"none igihugu cacu kigizwe na provinces 18, coba kisigaye citwa " QUARTIERS CONTESTATAIRES?".

  • ayo niyamashirahamwe yabazungu yinyegeza muvya politic,ikindi naco niba Pacific na ba sinduhije birigwa bariruka kuko abarundi tutemeye ko ico bise CNARED ko tudazokwicarana mubiganiro ahubwo nugufatwa kumabi mwagiye mukoze,kubijanye nabasoda naho ngo bave muri za somalie na santrafricaine ico sikibazo namahera bahembwa ntagica muri leta ,mbe mwibaza ngo leta ntizoguma ibaho? abasoda bacu naho boza bazoguma bahembwa nkuko vyari kuko kirya ninkikiraka,hama ubunyamerika bujeyo basubire babumare bwose,kugira ngo dusubireyo kubutabara abanyamerika i MOGADICHIO tuzobareka babanze batote nkambere,nayivyo mwama mwayagura amatangazo yabazungu twarabahinyuye ntituri abaja banyu! giribikoresho abo bomuri CNARD mwabagize ibirofa basigaye bafyeta amasahani mwaririyeko! kandi ngaha bafungura ico bashatse,mbe mwarabonye umunwa wa NTIBA ukuntu usigaye ureha? mugeze kure Uburundi ubuhangaye burahuma kandi murarushe!!!

  • Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga.

    Ndababwire irishirahamwe ivyorivuze nkubu uburundi bwoca butangaza buti: ishirahamwe international crisis group ryavuze bwabasirikare bacu bagiye mubikorwa vyogufashanya nabandi kugarukana amahoro kwabo basirikare babwo bubabakuyeyo kuko ishirahamwe International Crisis ryavuze kwatacobamaze atirero turasavye tubatahane.
    Ndababwire nihobobona ko amajambo bakomeza kubwirwa nabobarundi dukunzekwita bamujeri bakayakorerako ashobora kuzobamaramaza kugeza kurugero rutazokwibagirana kw’Isi.

    Umvandabibasigurire nezarero ukwobimese: Abobarundi benewacu kurinda baba bamujeri nukubera babwiwe ibitangaza bazokorerwa nayo mashirahamwe amwe amwe akomeye nkayo atanze ikiciyumviro ngocokwirukana abasirikare babarundi barungitswe mubindi bihugu kugarukana amahoro.

    Umva iyaba amashirahamwe amwe amwe nkaya atariyo yadushiriye uburozi mubarundi bamwebamwe bagahinduka bamujeri irishirahamwe ntiryarikuvuga ibi.

    Ndongeye kubabwira nemye ko ivyonibitocane twisunze ibibimumaze kudukorera tumaze gusimba.

    Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga.

    Reka ndabamenere ibanga kuvahomwakaduteje abahisemwo kubaba Mujeri bakaduhekura abacu twaridusanzwe natwe tuvugako abasirikare bacu bagiye kugarukana amahoro twobagarukana Burundi, ariko tucatwiyumvirayuko tutobaduhanye abashigikiye bamujeri ahubwo twobadutaye mukaga baryabanyagihugu bomuribirya bihugu abarisikare bacu bagiyemwo, tucaduhitamwo kubireka uburero bikozwe nabandibantu ataritwebwe bivuyeko nihomuzocamubona ko Afrika kwizwe nibihugu vyikukiye koko canke kwibihugu biyigize bigiye kwerekana ko vyikukiye, kuko ico Africa izocikora/ivuga ntacomvuze muzokimenya hageze kandi abakoranye naba Mujeri bazocabayanka urunuka.

    Rekandabasubiriremwo kugerubu uburundi bumaze kuronka inzira zogutuma bubaho imyaka myishi burimubihano nkibibwafatiwe cankebirenze kuko vyatumye hacahaboneka izindinzira tutakoresha nubu izindi zikomeza kwiyongera,abazokomeza kwidadikira ngobashaka guhasha igihugu cu Burundi mugukorera kuvyiyumviro vyabigize bamujeri bizobamaramaza rindira gato.

    Ewe Burundi uragasimba imanga.

    Bamujeri ntakwobatagira basaba amashirahamwe ngo: nimudufashe ubwanyuma hirukanywe abasirikare buburundi bagiye kugarukana amahoro ngwico gikorwanaco turaziko kizoba arisimusiga.

    Iyoooo murihenda ivyontibisumba ivyabataye kuwamazi ahomwari ivyegera vyumukuru wigihugu nabakuru bishingamateka, nabasirikare bamapete yohejuru, abandi mwigize amashirahamwe adaharanira ivyicaro muri reta tukababona nkabo guharanira inyungu zigihugu kumbe bakorera international Crisis ariyoyiyi ihejeje kubavugira mwizinyandiko tubonye ngaha, abobose baduhindukanye ba Mujeri kandi barabomunzu ariko ndibaza komwese mumazekubona kwakayunguruzo kabayunguruye mbega ububarihe?
    Ndizeye ntibizoteba kwibonekeza ko bamujeri ivyifuzo bahaye International Crisis kwarivyo vyatumye itangaza ibintunkibi tubonye!!! Rindira umwanya uzocubabwira.

  • Kwirukana abasirikare Buburundi bagiye mumakungu kugarukana amahoro ntanakimwe bituneze ntanagashatsi kagabanuka ivyontibizotuma duheba igihugu cacu ngogisubire mubukoroni yaramaze kwikukira.
    Twebwe tuvugako tuzokwuma gukihugucacu kugera umurundi wanyuma.

  • MBEGA INTERNATIONAL CRISIS YOBIVUZE IVYO YIBAGIWE INGINGO 2248 YOMWISHIRAHAMWE MPUZ’AMAKUNGU O.N.U UKWO IVUGA?
    IYABA MFISE UBUSHOBOZI ABASOHOYE IRITANGAZO BOMWIRYO SHIRAHAMWE ICG BOSE NISUNZE IYONGINGO YA 2248 YOMURI O.N.U NACANDABAKURA MWAKOKAZI HAGASHIRWAHO ABANDI KUKO VYOZOFASHA KUBOBASUBIRIRA KWIRINDA GUPFAKUVUGA BATABANJE KWUBAHIRIZA AMATEGEKO YIGIHUGU BABABARIKO BARATITIRIZA NAMATEGEKO MPUZ’AMAKUNGO.

  • abobasodabacu nibiyizire igikogwa bagiyegukora buryacaraheze

  • Nimundabire?!!!
    I GOT ikunda Abarundi gusumba aba Somali!!!!

  • Nibatahuke !barekemu ’mahangacankebarikurondoka% murisomali.

  • uburundi bwari bwuzuyemwo ibisambo byabasirikare gusa bari baranze gutabara abanyagihugu kugirango bazabone ukwo bajya muri mission Imana ihora ihoze nimusubize iwanyu izo nda nini nabasigayeyo bihanagure. murabeshya muzacuruza amandazi Gen. Kabarebe ajya kurwana nabacengezi bihishaga muri congo yaciriye urubyiruko rwa ntibindeba umugani ugira uti: Wima igihugu amaraso imbwa zikayanywera ubusa. sha ntaho mutaniye nibindi bisambo byabadepite biri muri East African Community tuzirukana Donald Trump natsinda amatora

  • Satani nimbikabisa!
    International Crisis Group ukuntu yadukanye ikintukijanye nikiringo ngo cagatatu ngoca Petero Nkurunziza biratangaje!!!
    Ntakindi kibitumye atarukubera Satani ibayiguburukije yibutse Nkurunziza prezida wuburundi arumuntu akunda gusenga, ubworero akacarondeza mubo ashobora gukoresha canke gukoreramwo kukomurabizi uwo Satani ndababwiye ntiyigendera agira uwo agenderako. Ndabibukije nomugihe ca Yezu aturatuzwa mwiy’Isi nta Satani yaboneka namahembe kumutwe, Yezu yaturatuzwa nabantu bafise imishatsi myiza amasomeza bambaye neza.Nuyumuntu mutoya cane prezida wuburundi kuko atawundimuntu mwiy’Isi wogereranya na Yezu, ariko Prezida wuburundi Satani ntiriko irishimira koyoguna arimukitigira caba prezida barimwinosi, nikogituma ugiraguti ukumva yakoresheje abantu utariziko bokwubahuka gutoteza umuntu wintungane nkuyu mukuru wu Burundi! Kuko harihobeshi bamaze kuvuga nka Pirato womugihe ca Yezu bavugako atacaha babona kuri Prezida wuburundi Nkurunziza , ariko abagize International Crisis Group ngo nabambwe nabambwe uwomukuru wuburundi Petero Nkurunziza ngomaze muhicubahiro abaturiye abantu babona nabagerageje gukubira kudeta.
    Namba mugira ngondabahenda murazokurikirana uyumukuru wuburundi ntakintukibi yakoze gisumvya abandiba prezida barikw’Isi.

  • ntimuhave mwibaza ko twese ingabo tuzoca dukura agatima kugihugu cacu twes nkuko benshi bariko bavyipfuza babicisha mwizonzira za poli amas yakera ntagihoma urataro abagihagarikiy ntituzohagarika kugikunda kandi tucigur wanka kuyamenera igihugu ukayasesera ibikona.

  • iryo shirahamwe niryo ari Imana?ahubwo mutama twitorey petero Nkurunziza n’uko Imana yamuhezagiy,ubwo buzungu yobwirukany nka président Museveni nacane cane abo muri Amérique n’abandi baturwaniriza uwo Imana yadufashij tukamutora

  • ariko namwe abisi muratangaje mbe mubona ivyo musaba bizokunda erega imbere yuko barungikwa muri ivyo bihugu kugarukana amahoro hariho amasezerano hagati yareta yuburundi na oni basinyiranira kandi ahambaye.namwe vyukuri nyimba mukunda abarundi bavugire ukundi kuntu kandi mubifitiye ububasha.abarundi turabakunda kubera muvugira abarundi neza.

  • If so then why does the international crisis group claim to be there for finding solutions to different crisis wherever and whenever they arise? Does it real know the purpose for which it established ? Is to take back burundian soldiers an accurate solution or a jealous ? Have they well learnt further the solution ? Do what helps not what damages and distabilises. Thank u

  • Ababipfa n ababisangiye,@nd umurundi muto ariko no mubigira abahambaye iyo ndaburaye nta numwe unyitayeho ngw abimenye maze ngo ampembure! Only God Is Solution....

  • Iyo International group crisis ni corrompus takuri kwabo ahubwo cokimwe na ICC ico bakora bariko barondera gusambura ama leta ya Africa atorohereza ibihugu vyabo kugarukana ubu colonie. Kurya ICC ibihugu vya Africa biriko biyivamwo, Africa niyiyamirize ICC ireke kudukindirako. Irahengamye ihengamiye kuba putschistes no kubandi bicanyi baraye bahatswe guhekura uburundi.Nta nyigisho bakwiye kuduha ! Umuhanuzi mwiza ntahengama, ntabashingantahe barimwo ! Bararaba ivyiwabo Iburaya na Amerika !

  • None ko mwaka ko bataha hari ico mufiseko inyungu!Kuberiki bavuze ngo batahe mwese mumera amoya imitsi ikadariza? Harikintu munyegeje mwo ariko mudashaka kuvuga?Iyaba atanyungu zanyu gusa zirimwo ntimwari kwanka ,bari kuvuga rimwe mugataha mumumezero!

  • ahubwo nibanyarutse amanyama ahere

  • Nibaveyo nakare nukutumaramaza gusa ntakindi bazi atari guta umwanya naho bavayo ntawo bagurira agacupa bahereza muvyabo bibaberere icigwa uwoshaka yokwitonda kwiyisi

  • Nibatahe Ntaco Basoboye Iwabo Vyabananiye

  • I joined hand wash all should be brought home,their family come pleat.

  • Jewe ndashigikiye iyongingo yokugarukana abo basirikare ngaha muburundi.nibazanwe bacungere umutekano wa benewabo bahejejwe nabari bajejwe kubacungera.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.