IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuserukira Uburundi mu Rwanda yakiriwe na Paul Kagame umukuru (...)

Uwuserukira Uburundi mu Rwanda yakiriwe na Paul Kagame umukuru w’igihugu

mardi 27 Nzero 2015

Inyuma y’aho Alexis Ntukamazina agenewe kugira aje guserukire Uburundi mu gihugu c’Urwanda, yakiriwe n’umukuru w’ico gihugu.

Alexis Ntukamazina rero akaba yashikirije amakete amugena umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, inyuma y’aho agenewe na Reta y’Uburundi. Igihugu c’Urwanda rero gisanzwe kiri mu Buraruruko bw’Uburundi, kikaba gisanzwe gisangiye ibitari bike n’Uburundi bihana imbibe, yaba kahise kivyo bihugu vyompi gasa n’agashaka gusa, eka mbere n’imwe mu mico y’abanyagihugu ikaba idatandukanye rwose.

N’aho abategetsi b’ibihugu uko ari bibiri bemeza ko imigenderanire y’ibihugu vyabo ari myiza, kugeza ubu abarundi n’abanyarwanda, bakaba barindiranye igishika ntangere kumenya ukuri, igandagurwa bunyamaswa ry’abantu bagiye batorwa mu kiyaga Rweru, aho ibihugu vyompi bisa n’ivyagiye birabihererekana.

Amakungu co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu nayo nyene akaba yaramenyesheje ko yipfuza kumenya ukuri kuri abo bantu bagiye baratorwa ibiziga, ndetse hakaba haremewe n’ugutangwa agacumu k’ubumwe kugira abakoze ayo mahano bamenyekane.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.