IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye abantu basa n’abari mu (...)

Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye abantu basa n’abari mu kigandaro

mardi 29 Nzero 2013

Kubera ko isoko nkuru ya Bujumbura yari nini kandi yakira abantu benshi mbere yari ifashije ku rugero runini igiharuro kinini c’abanyagihugu, kubera ivyo rero inyuma yaho iyo soko ihiriye hari abantu benshi n’ubu batarashobora gushira umutima hamwe kubera kwiyumvira ivyo baburiyemuri iyo soko benshi rero ubasanga bicaye hafi y’isoko nk’abari mu kigandaro.

Muvyo ukuri birababaje kandi biteye agahinda cane iyo uganiriye na bamwe mubaburiye ibidandazwa vyabo muri iyo soko bamwe bakubwira ko ubuzima bwabo busa n’ubuhagaze kuko ngo atahandi bakura ivyo kubaho.

JPEG - 82.1 ko

Abandi bavuga ko abana babo bagiye kuva mu mashuri kuko ariho bahora bakura amahera y’ishuri, abandi bavuga ko bari abapfakazi kandi bareze impfuvyi ko rero batabona uko bagiye kubaho. Abandi bavuga ko batabona ingene bagiye kuriha amabanki yari yarabahaye ingurane bakoresha mu kudandaza. Mbere iyo uravye abantu baburiye ivyabo muri iyo soko ubona bateye agahinda.

Ubu rero wegereye hafi y’ahahora iyo soko, uhasanga abantu bamwe bahicaye ,abandi bahagaze bose bifashe kw’itama baraba uko isoko yahiye, abatamakazi barira baborogera ivyabo ngo kuko benshi bumnva ko ubuzima bwabo busa n’ubuhagaze.

Muvyo ukuri ubu i Bujmbura abaho wokwibaza ko bari mu kigandaro ku buryo abanyagihugu bamwe bariko basaba Leta ko yotanga ikiruhuko kugirango babanze basubize umitima munda kuko ngo benshi barahahamuwe cane niyo nkuru.

JPEG - 91.5 ko

Gushika ubu abanyagihugu bararindiriye ico Leta iteganya gukora inyuma y’ivyo ariko rero ntawovuga ngo Leta ntaco irashikiriza kuko amatohoza akibandanya kugirango bamenye icateye iryo sanganya mu gihe abantu babivugako vyinshi.

Leta yaramaze guhumuriza abanyagihugu ibasaba kuja hamwe kugira bagafatana mu mugongo,ngo kuko abarundi baciye mu bibazo vyinshi bikomeye kurusha ico kandi vyose bakaba barabivuyemwo. Nk’uko umukuru w’igihugu yabivuze igihe yari aje avuye mu nama muri Ethiopie, ngo ico rero sico kizobananira nibashire hamwe vyose birashoboka.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.