IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shazi Harera > inkuru > Inyuma y’amezi 10 atawuzi irengero rw’iwe, Shazi yahinduye i foto, yoba ari (...)

Inyuma y’amezi 10 atawuzi irengero rw’iwe, Shazi yahinduye i foto, yoba ari he? Yahunze iki?

jeudi 2 Gitugutu 2014

Umuririmvyi Shazi Kool amaze amezi ashika cumi ataboneka mu Burundi, aherutse gushira ishusho (photo) nshasha ku rubuga rwiwe rwa "Facebook". Haracari igipfungu c’aho uwo muririmvyi yagiye ariko icamutumye ahunga kirikekwa.

JPEG - 31.5 ko
Iyi foto yayihorana ariko yayishize ku ruhome "Photo de Couverture"

Inyuma y’amezi ashika kuri 10, Shazi Kool iyo ari mu kinyegero yashize ubwa mbere i "photo" ku rubuga rwiwe rwa "Facebook" (photo de couverture). Naho biri uko, benshi baribaza irengero ry’uwo muririmvyi, bamwe bavuga ko yoba ari mu gihugu c’Urwanda abandi ko yoba ari muri Tanzaniya. Bamwe mubo afitiye amahera bavuga ko ahora aba "telephona" abasaba imbabazi ariko ntavuga aho ari.

Mbega umuririmvyi Shazi Kool yabuze ryari? N’igiki gituma yarinyegeje?

Intango yokubura kwa Shazi Kool yabaye isabukuru "Gitega Peace Festival" ya mbere yari kubera mu ntara ya Gitega ku magenekerezo ya 27 na 28 Kigarama 2013 ku kibuga c’i Gitega. Shazi Kool ari mu murwi « Vumera Band » yari kw’isonga ry’abategura iyo sabukuru. Ku munsi wa mbere wayo, uwo muririmvyi yarabonetse mu kibuga mu masaha yo ku mugoroba, eka no mw’ijoro niho yari. Shazi yasa n’umuntu atamerewe neza. Hamwe yavuga ko ngendanwa yiwe yibwe, ahandi bamwe bakibaza ko yari arajwe ishinga n’ukubona abantu ari bake bitavye isabukuru.

Umunsi wa mbere w’isabukuru vyaboneka ko abaririmvyi bari ku rutonde batitavye bose, tuvuga nka Steven Sogo na Patient Matabaro n’abandi bari ku rutonde. Bamwe mu baririmvyi bavuga ko atari ubwa mbere agize ibintu nk’ivyo, kuko kuribo bibuka igiteramo yasibije mu mwaka w’2012. Abandi nabo bavyiketse kare kuko bamusavye amahera y’ibanze « avance », agaca yisamaza akirengagiza kuyabaha.

Shazi yazimanganye ryari?

Abaririmvyi, abaryoshagiteramo "MC", abamenyeshamakuru yari yahamagaye n’abandi batanguye kumurondera bamusaba amahera na rirya akazi kabo bari bagahejeje, nta n’umwe yasubiriye kumukubita ijisho. Ntawari kumurondera kuri ngendanwa yiwe kuko yari yamaze kuvuga ko yibwe. Abo bose batashe zirayoye, isabukuru irangira uko. N’ubu rero atari amakuru atawokwemeza, ntawuzi neza aho ari.

JPEG - 65.4 ko
soma neza ibiri kuri iyi shusho ubone abari batumiwe n’abatanze uburyo (Sponsors)

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.