IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu iriko irahimbaza imyaka 12 imaze itanga (...)

Iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu iriko irahimbaza imyaka 12 imaze itanga amakuru

lundi 4 Ntwarante 2013

Ibintu ngo biragiye guhinduka mu mikorere ya RPA. Ivyo nibivugwa n’umuyobozi mukuru wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu mu gihe iyo radiyo iriko irahimbaza imyaka 12 imaze isamirana. Abanyagihugu bumviriza iyo radiyo ngo barashima akazi iyo radiyo irangura.

JPEG - 101.2 ko

Nkuko bivugwa n’abanyagihugu bumviriza iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu ngo iyo radiyo irabafitiye akamaro kanini cane kandi iyo radiyo ikora yigenga.
Kubwa Sylvestre Ntibantunganya ngo akunda cane iyo radiyo kuko ikora idatinya igitsure ca bategetsi. Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi nawe yahoze ari umumenyesha makuru kw’iradiyo y’igihugu avuga ko iyo radiyo yigenga koko kandi akayishimira ku kazi ibandanya ikora.

JPEG - 15.4 ko

Abanyagihugu baje kuraba ukuntu iyo radiyo ikora nabo ngo amakuru n’ibiganiro vya RPA ijwi ry’abanyagihugu ngo birabafasha bikanabakiza. Jimmy Willy Cleaf Irindiha yahoze ari umugwanyi w’umuhari FNL ikiri mw’ishamba ,kubona akiriho ngo abikesha vyose RPA. Nkuko uwo yasubijwe mu buzima busanze afise ipete rya majoro avyivugira ,ngo iyo radiyo yaramutabarije ishikana n’amajwi yiwe kure, abona kurokoka na bagenzi biwe batanu mu gihe baronderwa buhongo ngo bicwe.

Abarongoye amasendika nabo nyene ngo RPA ni radiyo yumvirizwa cane mu gihugu eka no mumakungu. Audace Bizabishaka atanga akarorero kigihe c’amasaha ya makuru mu kirundi avugwa ku muhingamo. Uwo arongoye sendika nkuru y’abadandaji ngo abantu bose batumbereza umurongo kuri 93.7 canke kw’ 107.1 FM igihe c’isasita n’igice kugira ngo bumve amakuru ayagwa uwo musi. Audace Bizabishaka arongoye SYGECO asaba ko abakozi na bayobozi ba RPA bakomere ku muheto kandi barabe ukuntu bokwongereza ibiganiro, iradiyo ikavuga amasaha 24 kuri 24.

JPEG - 15.4 ko

Umuyobozi w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu arakenguruka ukuntu abanyagihugu nabo bashima ivyo bakora. Eric Manirakiza amenyesha ko hasigaye vyinshi bizokorwa ubu mu migambi yihuta afise. Muriyo harimwo kuronderera uburyo iradiyo ikigenga idatega amashi ; iradiyo ikumvikana hose mu gihugu harimwo no mu mahanga.

Uwo arongoye RPA ijwi ry’abanyagihugu abandanya amenyesha ko agiye gukora ukwo bishoboka kwose iradiyo arongoye yironse inzu yayo bwite aho izokorera batarinzi gukota. Eric Manirakiza aheraheza amenyesha ko kuva kuruyu wa kabiri igihe iradiyo izoba irumanije imyaka 12 isamirana mu gihugu no mu mahango ko ibimenyetso nu muhora mushasha w’iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu aruwo www.rpa.bi bizotangura gukora ukuri kwamye.

Iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu yatanguye gukora kuva kuwa 5 ntwarante 2001 ikaba yashinzwe na Alexis Sinduhije ubu yatanze imihoho mu buyobozi bwiyo radiyo.

— 


Patrick Wasso

Portfolio

Messages

  • RPA, ISABUKURU NZIZA RADIYO DUKUNDA, KIRAMVU DOMITILA NIBAGUHE IKIDARI CUMWAKAKA, URI NTORE, RPA RAMBA, UTERE IMBERE NKUMUZINDA,ABAKWANKA BAKWA.......

  • jew ndi umunyeshule wo muri UB nashaka ndabakeze ku myaka 12 mumaz mudushkiriza inkuru yimvaho nongera ndabashmirira kubwitonzi n’ubukrebutsi bibaranga.
    Nipfuza ko mwogira akigoro iradiyo igashka mugihugu cose kuko nka jew mvuka i bukemba mu rutana rpa ntituyumva neza hariho ibic itumvikana
    umusi mukuru mwiza.
    Murakoze.

  • waouh joyeux anif ma radio préférée muze muashiraho nIBIGANIRO VY IMANA bitwigigisha ubuntu bwayo nkubwo yabagiriye
    yari igirubuntu

  • ndakunda ibiganiro vyaradio rpa

  • Numva ntagira aho nohera naho nohereza kugira kugira nshimire RPA,ariko ndaca kumayange .RPA yahinduye ibintu vyinshi PoSiTiVeMeNT mubuzima bwighugu.kuvugira abato nabakuru,ubwoko bwose ndetse nomumadini habonetse ingorane murahashika ,abasirikare nabaporisi ntimwabibagiye . Iradiyo igwanya igiturire, ubusuma mumatungo ya leta ,rape gufata kunguvu abakenyezie abapfakazi nimfuvyi barenganywa,nabitwaje amabanga

  • Numva ntagira aho nohera naho nohereza kugira kugira nshimire RPA,ariko ndaca kumayange .RPA yahinduye ibintu vyinshi PoSiTiVeMeNT mubuzima bwighugu.kuvugira abato nabakuru,ubwoko bwose ndetse nomumadini habonetse ingorane murahashika ,abasirikare nabaporisi ntimwabibagiye . Iradiyo igwanya igiturire, ubusuma mumatungo ya leta ,rape gufata kunguvu abakenyezie abapfakazi nimfuvyi barenganywa,nabitwaje amabanga

  • Mugume kwibanga mutibagiye nogutegura abazobasubirira bashitsa ikirenge ,amaso. Namatwi harya mugeza.

  • Ndakunda Radio RPA kuko ari Radio Yabanyagihugu bose kandi itegamiye ubutegetsi bwa Nkurunziza ikongera ikavugishukuri kubiba Mugihugu C,Uburundi vyose ,atagucisha kuruhande nkayandi Ma Radio tubona ngaha Mugihugu cacu C,uburundi.Komera kumuheto nawe mukuru wa RPA abanyagihugu twese turagushigikiye!

  • mukomere kumuheto mwirambire nkisima yakera, mbe muhagaze gukora twokwambara ibara.

  • Kubwanje nashaka gusaba abakuru bi radio RPA ko boza barakoresha ururimi rw’ikirundi hamwe n’icongereza hanini bakoresheje English kubera ari international vyafasha cane no mu mahanga . Kandi burya French kimaze guta manda ubu . Murakoze

  • Kubwanje nashaka gusaba abakuru bi radio RPA ko boza barakoresha ururimi rw’ikirundi hamwe n’icongereza hanini bakoresheje English kuri uriya muhora wabo (www.rpa.bi)kubera ari international vyafasha cane no mu mahanga . Kandi burya French kimaze guta manda ubu . Murakoze }

  • mukomere kumuheto niryo banga mwiyemeje ryo gushikiriza ivyiyumviro vyabanyagihugu

  • ndashima akigoro mugira mugushikiriza ivyiyumviro vyabanyagihugu nagomba ko mwozoduha umurongo wo gutasha incuti nabagenzi ukoresheje kwandika murakoze

  • RPA, ramba!! komera!!! shinga icumu mu Burundi no mu makungu!!!!wongere uhayagizwe ku kazi ukora!!!uronke nimidari.hama IMANA ikuzigame yongere iguhe ivyo wifuza vyose kugirango utere imbere mu kazi kawe misiyose.
    Mbega iyo utahaba tuba tugeze hehe?
    RPA "ivyo IMANA yasezeranye kuri wewe izobikora kandi izonyuranya nivyo abantu bibwira.izohezagira ibikogwa vyawe,kandi isi yose izotangazwa nuko ur’amahoro maze abakwanka izobagukundisha, vuga uti "amen" kuko mu nzira zayo zirenga 1000 ntizobura aho ica ngo igutabare. ongera uti "amen ".

  • rpa ivuga ibigenda nabi gusa.kubera iki mutavuga ibigenda neza navyo?

  • turashima akazi kanyu kuko mukora ivyo muzi kandi bibereye. tubasaba ko mwotuzanira imboneshakure hama mumakuru yanyu mukaducishirizamwo ayo mumakungu muncamake.

  • ahaaaa?radio ijwi ryacu niyirambire kandi ibndnye itubera ijwi ryukuri kandi utemenyesha ivyedekeye igihugu cacu mubisata bitndukanye.ramb rpa.

  • Wapi rpa mwigisha amacakubiri muraryanisha amoko ntaho mutaniye nuwagandaguye Ndadaye

  • komera rpa KIRAmvu ntutinye kuduh amakuru
    Imana irababona

  • Kira rakheri radio y"umma mwenyezi mungu awabariki kwakazi mnazozifa,,napa nikiwa#OMAN MUSCAK’’’’’’’’

  • Nelson Mandela ntako atariyakoze mukubahuza sinzi uwundi’ho bazomukura mugihe bonyene baticaye hamwe ngo barabe ikibazo ahokiri ngo bafatane mumugongo mukugikemura. None uburundi buzob’ ubwande mugihe abogitwaye neza bariko baragitabagaza

  • Nelson Mandela ntako atariyakoze mukubahuza sinzi uwundi’ho bazomukura mugihe bonyene baticaye hamwe ngo barabe ikibazo ahokiri ngo bafatane mumugongo mukugikemura. None uburundi buzob’ ubwande mugihe abogitwaye neza bariko baragitabagaza

  • nukuri radio.rp nirambe ku 90%nibo bayunviriza kuko twebwe.abanyagihugu tumenya vyishi tutigera tumenya itaribwaze nuko.bamwebamwe ntibayeme arikobihora ubusa ikivuga nuko.abayemera aribenshi!iciyunviro canj radio erpy.nikore yivuye inyuma.namwaburya tugeze mubihe bigoye.ahusanga abantu bicwa ataco bazira.nukorero radio erpy yarikwiye kuronka ubudahangagwa igakora.atabayitera igitsure!nukur bamenyeshamakuru.turunvako mutworoherezwa mukaz.kanyu kamisiyose mwihangane ntimudohoke Imana niyonku!

    turunvako bb arondrwa ninkozizikibi mubandanye mudutohoreza turikumwe namwe mutugumire kwivora.

    Murabeho

    yari jean.bosco hakizimana
    prv karusi
    comi shombo

  • Yeeeeemwe!!!umukuru w’iradiyo rpa komera kumuheto nturekure,cank gutange imihoho,kuk iyo atab rpa, abanyangihug tubatugez ahatemb,arigihe ubutegets buzohinduka,kuk twarushe,amen

  • In December of 2013, a bill meant to reform the patent process inside United States passed overwhelmingly inside the bipartisan House with a vote off 395 to 95, and then fail inside Democratic-lead Senate 5 months later. If the employer carries a moral or religious opposition to birth prevention, they can legally be capable of terminate the employment on the woman. If, however, you choose tto contact ann invention and patent company, there are a helpful and streamlined atmosphere for filing your patent annd seeing your inveention visit fruition like a new product ready for production. Here is my homepage pendaftaran merek

  • oi, tudo certo?, somos a empresa Minha Prote

  • SINDUHIJ NNE KO YATANZE IMIHHO NNE ARI HE?

  • Nifuzako Zarandio Erepya Isubiraguknra

  • Nivyukuri radio rpea nibandanye itera ljimbere kuko nkabarundi bari hanze yigihugu iratunenyesha ibiba mugihugu cacu!

  • ega muburundi rpa turayikunda nubwo benengango batayiyumvamwo nikomere kumuheto

  • Nukurierpeya,yamyeariyanbere,ahirihose,imana,nibanfashe,kumeyekanisha,ukur

  • Uburundi bwari ubwakera igihugu cabicanyi

  • Ndashima Radio Rpa Kububangutsi N,ubutwari Yaryiye Iragira Mumakuru Atandukanye Mbese Nomukudacika Intege Mugihe Abamenyesha Makuru Baguma Baturubikwa Bahorwa Inkuru Bahaye Abanyagihugu Bo Mugihugu Mbese Bamwe Bakemera Bakaguma Kwivola Mbese Banka Nokuva Kwibanga Biyemeje Mukuguma Baduha Amakuru.Rpa Nisasagare Mugihugu Hose Inashingimizi Ubutakivaho Mpaka Ibihe Vyose,burya Umwana Yankwa Niwe Akura.Murakoze

  • Ndashima Radio Rpa Kububangutsi N,ubutwari Yaryiye Iragira Mumakuru Atandukanye Mbese Nomukudacika Intege Mugihe Abamenyesha Makuru Baguma Baturubikwa Bahorwa Inkuru Bahaye Abanyagihugu Bo Mugihugu Mbese Bamwe Bakemera Bakaguma Kwivola Mbese Banka Nokuva Kwibanga Biyemeje Mukuguma Baduha Amakuru.Rpa Nisasagare Mugihugu Hose Inashingimizi Ubutakivaho Mpaka Ibihe Vyose,burya Umwana Yankwa Niwe Akura.Murakoze

  • Icovuganukoduhoratuyumvirizakumaterefone Ububikababidakunda

  • Ndumunyagihuguwomuburundi Ndashimukuntu R p a Iturungikiramakuru Akadushikira Twosabiyoradiokoyobandanya

  • Amakuru Yanyu Aratunezera Mwozamuraya Dushirako Kurife Cebook.Tukayumviriza Kumusikumusi . Mwoba Mukoze Cane Ubutuyumva Haheze Imisibiri Mutwiteho Gosi Tutayumvise Tuba Duhomvye Gosi

  • RPA ndayikunda ariko kugirango ndoke ibiganiro byayo birangora mwomfasha uko?

  • Jewe icipfuzo canje nuko iyo radiyo yogaruka mugihugu canke tukayitora kuri fm kurya kwa bbc canke voa murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.