IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rihanna > Isanamu ya Rihanna na Shakira yiyamirijwe muri Colombiya

Isanamu ya Rihanna na Shakira yiyamirijwe muri Colombiya

mercredi 5 Ruhuhuma 2014

Ururirimbo rwa Rihanna na Shakira rwakorewe isanamu «Vidéo» itanezereje benshi kuko bariko bayiyamiriza cane cane mu gihugu ca Colombiya.

Isanamu y’ururirimbo «Can’t Remember To Forget You» rwakozwe n’abaririmvyi Rihanna na Shakira iriko itera impari mu gihugu ca Colombiya, igihugu c’amavukiro ca Shakira.

Nk’uko ikinyamakuru «New York Daily News» kibitangaza, Marco Fidel Ramirez n’umunyeporitique wo muri Colombiya Shakira avukamwo, ariyamiriza yivuye inyuma kwerekana isanamu y’urwo ruririmbo.

Kubwa Marco Fidel Ramirez, iyo sanamu irimwo ibiterasoni kuko yamamaza ivyo guhuza ibitsina ku babisangiye, kandi iranamamaza kunywa ibiyayura mutwe, biheza bigatanga akarorero kabi ku bakiri bato bayiraba.

JPEG - 29.9 ko
Marco Fidel Ramirez yiyamiriza isanamu ya Rihanna na Beyonce

Marco Fidel Ramirez yaciye ategeka imboneshakure zose zo mu gihugu ca Colombiya kudahirahira ngo zisubire kwerekana iyo sanamu «Vidéo». Ati :«Shakira nta karorero keza ariko araha urwaruka rwacu »

Isanamu iriko iriyamirizwa yirabe aha munsi


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.