IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ABUCO risaba abaguzi kugabanya iminsi mikuru

Ishirahamwe ABUCO risaba abaguzi kugabanya iminsi mikuru

dimanche 7 Nyakanga 2014

Mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO bahamagarira abarundi kwifata uko bari, birinde kugwiza imanza muri kino gihe uburyo bugoye, ivyo bikaba bishikirizwa n’umukuru w’iryo shirahamwe Noel Nkurunziza, mu gihe bahimbaza imyaka 20, iryo shirahamwe rimaze rikorera ku mugaragaro.

Ishirahamwe riharanira guteza imbere gukingira no kurwanira agateka k’abaguzi ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs) rirarumije imyaka 20 ritanguye gukora ku mugaragaro mu gihugu c’Uburundi, kuko ryatanguye gukora ryemewe n’amategeko kuwa 7 Nyakanga umwaka w’1994. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatandatu, umukuru w’iryo shirahamwe, Noel Nkurunziza amenyesha ko ari akanyamuneza ntangere kubona bashitse kuri iyo ntambwe, mbere yaboneyeho n’akaryo ko gushimira abo bose babafashije gushika aho.

JPEG - 895.9 ko
Noel Nkurunziza arongoye ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs)

Noel Nkurunziza arongoye ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs) agaruka kuri vyinshi vyagiye birangurwa n’iryo shirahamwe muri iyo myaka 20 iheze mu gisata co guteza imbere agateka k’abaguzi, hamwe no kubakingira, bakaba barashizeho ikigo CAJAC (Centre d’Assistance Juridique et d’Action Citoyenne), ico naco kikaba kijejwe kwakira abaguzi bipfuza gutunganirizwa.
ABUCO yarakoze kandi n’ibitari bike bijanye no guteza imbere intwaro ibereye mu kugwanya ibiturire, kwuganya ubuzima buzimvye, gushira ahabona ibidandazwa bishobora kwonona amagara y’umuguzi nk’isukari, ishwagara, umunyu n’ibindi vyagiye bibangamiye umuguzi muri kino gihe, ABUCO yagiye itera akamo.

N’aho muri iyo myaka baranguye ibitari bike, ingorane ntizabuze

Noel Nkurunziza atanga akarorero k’ingorane y’uburyo bw’amafaranga bwo kurangura imigambi biyemeje, abajejwe intwaro batumva neza imigambi n’ivyiyumviro uko bitegerezwa kurangurwa, abaguzi bataramenya agateka bafise, hamwe n’abanywanyi ba ABUCO badafise ingoga.
Umukuru w’iryo shirahamwe amenyesha ko vyari bikwiye ko abaguzi b’abarundi baca akenge bakamenya uko igihugu kimeze, babe abaguzi bari ico bita mu rurimi rw’igifaransa "Consommateurs avertis et responsables".

Ishirahamwe ABUCO rirafise kandi imigambi myinshi bashaka kurangura,muri kazoza na cane cane gushiraho ibigo vya CAJAC mu gihugu hagati, gushimikira ku ngorane abaguzi bahura nazo, kubandanya bungura imigenderanire n’ayandi mashirahamwe, n’ibindi. Umukuru wa ABUCO asaba kandi ko hobaho itegeko nyezina rijejwe gukingira umuguzi.

Tubamenyeshe ko umukuru w’iryo shirahamwe avuga ko muri iryo shirahamwe arongoye bashimye kwiherako mu kugabanya imanza, ari naco gituma batashimye gutunganya umunsi mukuru wo kwigina iyo myaka 20 bamaze bakora.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.