IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe AVBB risaba ko agateka k’abagigimiza kubahirizwa

Ishirahamwe AVBB risaba ko agateka k’abagigimiza kubahirizwa

jeudi 16 Gitugutu 2014

Mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya ukugigimiza AVBB basaba ko abagendana ubwo bumuga bohabwa agateka kabo, bakongera bakubakirwa ibigo bibigisha kuvuga neza bitonze.

Pacifique Mahoro, aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe AVBB (Association pour Vaincre le Begaiement au Burundi) yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane, igenekerezo rya 16 Gitugutu, mu gihe twimirije kuwa 22 Gitugutu guhimbaza mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe abafise ubumuga bw’ukugigimiza.

Abagendana ubwo bumuga mu Burundi bamenyesha ko bahura n’ingorane zitari zike mu buzima bwa minsi yose. Mu mashure, usanga abigisha batazi ingene bakwiye kubafata, mu buzi basaba ko vya bibazo bijanye no gutanga ubuzi boza bahabwa ivyo kwandika (Examens écrits) atari bimwe vyo kuvuga (Interview).
Mu Butungane barashobora kurenganywa kuko batazi kwisigura. Mu kibano baratwengwa bakongera bagasuzugurwa, kuko bibagora kuvuga neza. Mu miryango naho usanga abavyeyi batazi ingene bashobora kubakingira bakiri bato, nk’uko Pacifique Mahoro yabandanije abishikiriza.

Ni nayo mpamvu bahamagarira abo bose bafise iyo ngorane yaba abahora bagigimiza, abavyeyi bafise abana bagigimiza, hamwe n’uwo wese yumva ashaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ubwo bumuga kwitaba ikiganiro (Conférence publique ) gitegekanijwe ku wa 20 Gitugutu uno mwaka, igihe c’isaha zitatu z’agatondo mu nyubakwa y’ikinyamakuru Ndongozi. Muri AVBB bamenyesha ko azoba ari akaryo ko kwigira hamwe ibituma umuntu agigimiza, uko umuntu yokinga ubwo bumuga hamwe no gusabira hamwe icokorwa kugira abantu bagigimiza nabo bashobore kubaho neza.

Kuwa 22 Gitugutu 2014 naho bategekanya urugendo rw’amahoro .


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.