IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ishirahamwe ry’abashingamateka basaba irekurwa rya Hussein Radjabu

Ishirahamwe ry’abashingamateka basaba irekurwa rya Hussein Radjabu

jeudi 27 Ruheshi 2013

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka kazinamuntu (CNIDH) warakiriye abarongoye umurwi w’abashingamateka baharanira agateka kazinamuntu mw’ihuriro ry’urwego rw’abashingamateka.

Icegera c’umukuru wa CNIDH umupfasoni Sonia Ndikumasabo, yashoboye kuvugana n’umushingamateka wo muri Mali Kassoum Tapo hamwe na Gaelle Laroque umuhinga muri uyo murwi. Imbere y’uwo mubonano, abari bagize uyo murwi bari mu rugendo aha mu Burundi, bari babonanye n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pio Ntavyohanyuma, abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, abanyororo bamwe bamwe harimwo umushingamateka Hussein Radjabu asanzwe ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, hamwe n’umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ihuriro ry’abashingamateka bakaba basavye ko umushingamateka Hussein Radjabu yorekurwa na rirya ari mu baharaniye intwaro rusangi mu Burundi. Umushingamateka Hussein Radjabu ari mubatumye umugambwe CNDD-FDD utsinda amatora yo mu mwaka w’2005, na cane cane ko yari mu ndongozi zikomeye muri uyo mugambwe. Abari mu ru gendo aha mu Burundi, bazobonana n’umushikiranganji w’ubutungane n’uwagateka ka zinamuntu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.