IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko nshasha yo kuri COTEBU ishinzwe ijisho

Isoko nshasha yo kuri COTEBU ishinzwe ijisho

mardi 11 Ruheshi 2013

Ku va kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013, aho isoko yasha igatokombera, abahora bayidandarizamwo baciye biyungunganya baja kudandariza mu yandi masoko kugire bashobore kubandanya batunze imiryango yabo, mu gihe benshi bemeza ko barinze gufata amadeni ngo basubire kudandaza.

Bamwe bamwe mu bandariza ivyamwa mw’isoko nkuru ya Bujumbura ubu bihagiye amabarabara yose yinjira mu gisagara ca Bujumbura, banse kuja mu masoko yo mu makaratiye ku gutinya ko batoshobora gushorerwa, eka kandi kubera ko bibaza ko abahora babashorera batosubiye kubabona. Mu minsi ya mbere abo badandaza ivyamwa barageragejwe kwirukanwa n’igipolisi ku nguvu biranka, bakaba bariyemeje ku guma muri ivyo bibanza n’aho babona ko bari bangamiwe.

Abakenyezi bamwe bamwe barahahamutse ndetse barajanwa mu bigo kugire basuzumwe bivanye n’ibura ry’ibintu vyabo vyari biherutse gutokomberera muri iyo soko, eka ndetse hari n’abavuga ko inguvu zakoreshwa n’abapolisi, haba mu kwirukana abo bapfasoni ku nguvu, kubaka utwo bariko baratembereza ku nguvu, navyo nyene vyaje bisongera isibe ku bantu bari bahejeje ku bura ivyari bitunze imiryango yabo.

Ubu rero yaba abari mw’ibarabara, yaba ababaye bararonka aho baba baricaye mu masoko amwe amwe ari mu gisagara ca Bujumbura, bose barashinze ijisho iyo soko iriko irubakwa kuri COTEBU, naho bose batabona ryari ibikorwa vyo kuyubaka bizorangirira. Abo bahuye n’ingorane muri iyo soko nkuru ya Bujumbura bavuga ko batazi neza ko ari bo bambere bazotangura kuronka ibibanza muri iyo soko, ariko bobo bakabandanya bizeye.

Ico abantu benshi baba mu gisagara bibaza, ni ryari iyo soko iriko yubakwa hafi ya COTEBU izinjirwa ku mugaragaro ngo igisagara ca Bjumbura kive mu kajagari k’uruja n’uruza rw’ibidandazwa bitandukanye?


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.