IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itagisi rishasha "Taxe de sûreté" rizofasha Reta kugura ivyuma

Itagisi rishasha "Taxe de sûreté" rizofasha Reta kugura ivyuma

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Amafaranga azova mw’itagisi bise "Taxe de sûreté" azofasha kugura ivyuma bita scanners à rayon x bijejwe gufasha mu mutekano w’ibidandazwa, nk’uko tubishikirizwa na Yohani Harahagazwe, umuyobozi ajejwe poritike yo gutanga amatagisi mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta.

Mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014, harashizwemwo itagisi rishasha rizohora ritangwa n’abadandaza ryitwa "Taxe de sûreté". Muri iryo tegeko rigenga iyo tagisi, umudadandaza wese yinjije ibidandazwa mu gihugu c’Uburundi ategerezwa gutanga itagisi ringana n’igice 1,15 kw’ijana ry’ibidandazwa yinjije. Ariko rero, abadandaza basa n’abatanezerejwe n’iyo ngingo, mbere abatari bake bari bafise amakenga y’iyo amafaranga atozwa aca ajanwa, kuko barihira mu ntoke, mu gihe ku bindi bidandazwa ibiharuro bikorerwa mu mashini.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cari catunganjiwe n’ikigo OBR ku munsi w’ejo kuwa gatatu, uwari yaserukiye ubushikiranganji bw’ ikigega ca Reta, Harahagazwe Yohani asanzwe ajejwe poritike yo gutanga amatagisi muri ubwo bushikiranganji yaratanze umuco. Avuga ko amafaranga azova muri iryo tagisi azofasha kugura ibikoresho nka vya vyuma bita scanner cargo à rayon X, bizofasha igikorwa c’ugutangisha amatagisi (sécuriser les recettes). Ivyo vyuma bizofasha kandi mu kworosha urudandazwa, mukunyarutsa gusuzuma ibidandazwa bizoba vyinjiye mu gihugu.

JPEG - 54.3 ko
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cari catunganjiwe n’ikigo OBR

Nk’uko Harahagazwe Yohani yabandanije abishikiriza, abadandaza bazoharonkera akunguko kuko kare vyahora bibatesha umwanya. Kare ibidandazwa vyabanza gupangurwa kimwe ku kindi bigafata umwanya utari muto. Iryo tagisi rizofasha n’ugukingira ibidandazwa mu kurwanya urudandazwa rwa magendu.

Tubamenyeshe ko igitoro kitari mu bidandazwa bizosabwa iryo tagisi, kubera ari ikidandazwa igiciro caco gisanzwe gishingwa na Reta. Bakirihishije iryo tagisi, vyohava bifata ibidandazwa bindi, nk ‘uko Yohani Harahagazwe yabimenyesheje.


Floxella Karire

Messages

  • None ibidandazwa biba vyaramaze no gushika nivyo bigura ivyuma bitaraboneka?Nagira barakigura hanyuma bakarihisha Opération kiba cagize!Bashaka rero umutahe wo kukigura!Ewe Burundi waragowe!

  • ayo nayo kwirira harumutegetsi numwe asinziriye kuruhera nijisho bokurako.na petero nkurunziza ngo harayaja kwikonti ryiwe avuye munzahabu.ewe burundi umwewese nugusiganwa numwanya nawe aronke ngo barubatse,amashure ibitaro ibibuga ariko ntangorane!

  • Ubusuma bweruye mbega iyo scan ntigira igiciro?ncanke iyo taxe izotangwa gushikaryari? Ncanke umudadaza niwe asigaye yigurira ibimukotorora?igihugu cabaye ishirahamwe?ikindi scan ntakintu nakimwe izoroheraza umudadaza kuko iraba ,ibiyayura mutwe ,ibigwanisho, ncanke ibitarekuriwe vyose kwijira murico gihugu,bivuga ko ngira niyindi scan abarundi bakoze.bonyene?nayo kupakurura ama contenaire baracayapakuruye mugire mwibe ntakindi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.