IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 17 Ruhuhuma

Itarike 17 Ruhuhuma

vendredi 16 Ruhuhuma 2018

Igenekerezo rya 17 Ruhuhuma.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1878: Umuhora w’amaterefone uratangura ubwa mbere mu gisagara ca San Francisco. Utangurana n’amaterefone 18.
1897: Rudolf Diesel agerageza ubwambere imoteri ahitwa Augsbourg. Ukwo kugerageza kukaba kwarashobotse, imoteri iremezwa ko ishobora gukora.
1938: John Baird uwakoze ubwa mbere imboneshakure yerekana ubuhinga bushasha bwaho imbonesha kure yerekana amasanamu arimwo amabara menshi uretse iryera n’irryirabura vyari bihasanzwe.

JPEG - 43.1 ko
John Baird mu bikorwa vyiwe vyo gukora imboneshakure

1939: Ferdinand Porsche ashira ku mugaragaro umodokari ya mbere yo mu bwoko bwa Volkswagen. Iyaciye itazirwa “imodokari y’abanyagihugu”, aho akaba hari mu Budagi.
1949: Chaim Weizmann arimikwa mu mabanga mashasha yo kuba umukuru wa Reta ya Israël. Akaba ariwa agiye muri ayo mabanga ubwa mbere kuva iyo Reta ivuka.

JPEG - 19.7 ko
Chaim Weizmann

2000: Mu gisagara ca Seattle, ishirahamwe Microsoft ritanguza ubuhinga bushasha bwa “Windows 2000”.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1874: Thomas J.Watson, umuhinga mu vyamahinguriro w’umunyamerika. Niwe yatanguje ishirahamwe IBM rikora ivyuma vy’ubuhinga bwa none.
1963: Michael Jordan, uwahoze ari umukinyi w’umupira wa Basketball w’umunyamerika.

JPEG - 56.3 ko
Michael Jordan

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1986: Paul Stewart, umukinyi w’amareresi akaba n’umuhinyanyuzi w’amareresi w’umunyamerika.
2010: Kathryn Grayson, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

JPEG - 111.2 ko
Kathryn Grayson

Ibihimbazwa

. Kosovo: Umunsi wo kwibuka ukwikukira.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.