IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 3 Munyonyo

Itarike 3 Munyonyo

mardi 3 Kigarama 2013

Igenekerezo rya 3 Kigarama ni umunsi ugira 337 w’mwaka w’2013. Hasigaye iminsi 28 kugira umwaka w’2013 urangire.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1829: Andrew Jackson atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika. Yatsinze John Quincy Adams.

JPEG - 5.6 ko
Andrew Jackson

1951: Julien Gracq yanka kwakira agashimwe kitiriwe Goncourt.
1967: Umuganga Christian Barnard abaga ubwa mbere umutima w’umuntu mu kumuha uwundi mutima. Ivyo bikaba vyabereye muri Afrika y’Epfo.

JPEG - 5 ko
Christian Barnard

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1857: Joseph Conrad, umwanditsi w’umwongereza akomoka murI Pologne.
1884: Rajendra Prasad, uwabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’Ubuhindi kuva 1950 gushika 1962.

JPEG - 5.5 ko
Rajendra Prasad

1925: Kim Dae-jung, umukuru w’igihugu ca Koreya y’Ubumanuko. Yaronse agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel mu 2000.
1930: Frédéric Etsou Nzabi Bamungwabi, umukardinare wo muri Congo.
1933: Paul J. Crutzen, umuhinga muri chimie wo muri Pays-Bas. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Chimie mu 1995.
1981: David Villa, umukinyi w’umupira w’amaguru wo muri Espagne.

JPEG - 8.1 ko
David Villa

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1973: Adolfo Ruiz Cortines, umukuru w’igihugu ca Mexique kuva 1952 gushika 1958.

JPEG - 7.2 ko
Adolfo Ruiz Cortines

2000: Gwendolyn Brooks, umwanditsi w’ivyivugo w’umwogereza.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga.


Ingabire Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.