IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 7 Nzero

Itarike 7 Nzero

jeudi 7 Nzero 2016

Igenekerezo rya 7 Nzero

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1789: Haba amatora ya mbere mu Reta Zunzubumwe z’Amerika.
1905: I Washangton DC, M. Gran aba umwirabure wa mbere ahawe amabanga makuru ya Reta. Ikaba yatowe na Theodore Roosevelt naho inama nkenguzamateka yari yahakanye itorwa ry’uwo mwirabure.
1953: Umukuru w’igihugu Harry S. Truman amenyesha ko igihugu arongoye ca Reta Zunzubumwe z’Amerika gifise ibombe yo mu bwoko bwa Hydrogène.

JPEG - 250.9 ko
Harry S. Truman

2007: Ban Ki-moon asaba ukutanyonga babiri mu bagendanira Saddam Hussein.
1714: Herny Mill atanga urwete ubwa mbere rwerekana ko ariwe yatanguje imashini yo kwandika.

JPEG - 231.3 ko
Herny Mill

1910: Hubert Latham aba umudereva w’indege wa mbere ashoboye gutwarira indege ku metero 1000 uduga mu kirere.
1914: Ubwato bwa mbere bujamukana umuhora wa Panama ubwa mbere.

JPEG - 54.1 ko
Umuhora w’i Panama

1927: Haba uguhamagara mu makungu ubwa mbere hakoreshejwe terefone. Iryo hamagara rika ryabaye hagati y’igisagara ca New York na Londres.
1841: Victor Hugo atorwa kw’injira muri Académie française afata inyegamo ya 14.

Victor Hugo

1929: Hasohoka igitabo ca mbere kirwiriyemwo ibicapo kizwe kw’izina rya Tarzan.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1934: Tassos Papadopoulos, umunyaporitike wo muri Chypre w’umugiriki.
1985: Lewis Hamilton, umwongereza w’umudereva w’imodokari z’amahiganwa muco bita Formule 1.

JPEG - 69.1 ko
Lewis Hamilton

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1536: Catherine d’Aragon, umwamikazi w’ubwongereza yari umugore wa mbere w’umwami Herny w’8.
1715: Fénelon, uwihebeyimana akaba n’umwanditsi w’umufaransa.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.