IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rigenga ubunywero ni ryiza ariko rirafise ivyo ryokosorwa

Itegeko rigenga ubunywero ni ryiza ariko rirafise ivyo ryokosorwa

samedi 9 Myandagaro 2014

Inyigisho z’umugambi wo gukundisha igihugu zirabandanya mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Mu ntara ya Mwaro abarongoye umugambi baratanze ivyigwa ku barongoye ibisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Bamwe mu bari aho barashimye umugambi kuko uzofasha vyinshi mu mibano no mu gihugu cose.

Abarongoye ibisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu kuva hasi gushika hejuru mu ntara ya Mwaro, bari bitavye ivyigwa vyatunganijwe n’abarongoye umugambi wo gukundisha igihugu. Intumbero nyamukuru w’inyigisho yarishimikiye ku civugo " Kubona Uburundi bwasubiye kuri kamere keza karanze Uburundi". Inyuma yo gusoma ku mugaragaro ingorane zibangamiye intara zanditswe n’abaraho, abahinga batandukanye baratanze ivyigwa bijanye n’uko igihugu co "bungabungwa no gutsimbataza umutekano", "gukingira abanyagihugu kuruta uko vyahora", eka n’ingingo y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu isubiramwo ibijanye n’ubunywero yarasiguriwe abaraho.

JPEG - 3.6 Mo
Siliviya NIZIGIYIMANA arongoye komine Kayokwe

Inyuma y’ivyirwa, Silivia NIZIYIMANA musitanteri wa komine Kayokwe, arashima izo nyigisho kuko zigiye gufasha kugarukana ubuntu muri komine arongoye eka no ku gihugu. Aha avuga urwaruka rwariko rufata inzira ya bimwe bita "ligala" n’urukundo ruke rusigaye mu bantu. Ku bijanye n’ingingo y’icegera ca mbere c’umukuru w’iihugu, uwo murongozi avugako itegeko ari ryiza kuko inzoga nk’umunanasi n’izindi zisibije muri komine arongoye eka no mu ntara. Itegeko kandi rije gukingira amagara y’abantu ageramiwe n’inzoga zitemewe n’amategeko. Naho biri uko, uwo mutegetsi arabona ko itegeko rifise n’ivyo ico ryokosorwa kuko ubutunzi mu miryango no mu gihugu buragabanuka, ari naco gituma ategura kugirana inama n’abanyaguhgu baheze bigire hamwe amasaha meza ataco yokwica.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.