IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyavuye mu biganiro vyitezwe kuri uwu wa gatandatu

Ivyavuye mu biganiro vyitezwe kuri uwu wa gatandatu

vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par egide

Inyuma y’ukubonana kuri uwu wa kane n’abanyeporitike, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abaserukira amashengero, abakuru b’ibihugu barungitswe n’ubumwe bwa Afrika babonanye kuri uwu wa gatanu n’umukuru w’igihugu Petero NKURUZIZA. Ivyavuye muri uwo mubonano bikaba bizomenyekana kuri uwu wa gatandatu.

Uwo mubonano n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA wamaze amasaha ane arenga, inyuma y’aho, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA asanzwe ariwe arongoye umurwi w’abakuru barungitswe, akaba yamenyesheje ko bagiranye ibiganiro vyiza, ariko ko kubera umwanya wababanye muto, batashoboye gusohora icegeranyo kivuga ivyavuye mu mibonano bagize. Umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yamenyesheje ko ico cegeranyo kizosohoka kuri uwu wa gatandatu. Abamenyeshamakuru bakaba basabwe kurindira ico cegeranyo, hama bazoheze bahabwe umwanya w’ibibazo.

N’aho icegeranyo c’ivyavuye mu mibonano kitarashirwa ahabona, abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura bakaba bamenyesha ko ata cizere na kimwe cavuye mu mubonano bagiranye n’uwo murwi w’abakuru b’ibihugu urongowe na Jacob ZUMA, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo.
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yakiriwe muri uwo mubonano akaba ari SAHWANYA FRODEBU hamwe na UPRONA irongowe na Karori NDITIJE.

Karori NDITIJE yamenyesheje ko izo ntumwa z’abakuru b’ibihugu ata kindi cazizanye atari ugushigikira igumizwa ku butegetsi rya Petero NKURUNZIZA. Nk’uko uwo arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi yabimenyesheje, umukuru w’igihugu Jacob ZUMA yakuye ikibazo c’ikiringo ca gatatu ku rutonde rw’ivyoganirwako, yongera asaba abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko bwokwubahiriza ingingo yafashwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko ikindi kiringo ca Petero NKURUNZIZA cemewe n’amategeko.

Kuri uwu wa gatanu nyene, abo bakuru b’ibihugu babonanye kandi na Domisiyano NDAYIZEYE yigeze kuba umukuru w’igihugu w’Uburundi, abandi bigeze kuramutswa Uburundi bakaba bari hanze y’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Icokiringo Cagatatu Nibakireke Baganire Kubijanye Nibwirizwa Shingiro Hamwe Namasezerano Ya Arusha Kukwarivyo Biteye Ingorane

  • ikibazo k’ikiringo mukibaze sentare ibijejwe mwikibaza Jacob Zuma. uziko mugitekereza nkaya makoti mwambara muri na Ban ki moon yo muri 1990.

  • Abandi bigeze kuramutswa Uburundi bari hanze Y igihugu munama ya SinaHead ,nayo ihejeje gusenyukamwo kabiri. Cnared nyakuri na Cnared nyango. Tubitege amaso uwuramvye arabona ubu twebwe abanyagihugu twarahinyuye abanyepolitike patwazwa umunwa lupepe porojo atakazi. NKURUNZIZA narambe kuko biribonekeje ko atamupinzani afise atarabo bateza akajagari gusa... uBurundi burogoroye guhera unomunsi Leo ni Leo astmaen kesho ni muongo Imana York mwijuru nicocabona...".

  • none gayemwe opposition ishaka iki!
    ko yemeye ibiganiro none naba nyangoma akabababarira.
    nikuki bavugira abafashe ibirwanisho!
    aho petero nkurunziza yohindura akavuga ko aganira nabafashe ibirwanisho gusa ugira abo ba kagamist bovugira nyangoma ngo bicarana!!
    EREGA BAKAGAMIST NTIBIFUZA GUSANGIRA UBUTETSE CANE DEMOCRACY.
    BAFISE AJENDA SHA UBIYEGEREJE BARAGIFATA KURYA KWIRWANDA FRODEBU NTIMUSOSUBIRA KUVUGA .MUVUGA ATA AJENDA NINGUFU MUFISE MUGAHAMAGARA NUMWANSI MUZI AJENDA YABO.
    AHO MWIYUNVIRA KO BA KAGAMIST BASHAKA ARUSHA ACCORD!! MURIHENDA BASHAKA GUFATA UBUTEGETSI BABABESHERE GENOCIDE HAMA BIYICARIRE IMYAKA YOSE BABATWARA.
    KUMBURA MUSHIGIKIRE PETER NUMUGABO ABONA KURE

  • Zuma yazanywe nuguteranya abarundi ahokubunga mbe wewe iwiwe ntasentare nkizo zihari nizimwerere kwitoza ubugira gatatu turabe biragaragara ko Ari irementanya ririhagati yiwe na nkurunziza ivyo navyo ntamahoro bishobora kuzana ntakindikintu cateye indyane uburundi burimwo Atari ikiringo cagatatu mugabo zuma arinangamuye Ngo ntikiganirweko ahoho iyashaka akigumira muri Africa yepfo mbere nyimba aruko natuvire mubintu ntazagaruke

  • Ntacizere nkubarundi dufise kwa mahoro azoboneka muburundi azanwe na Jacob ZUMA canke umunyamahanga wese,burya umugabo niwe yamye yi rwanira iyatewe,umubanyi azoza kuza umwansi asanga umurembeje nawe aruguhohosha. None icotuma nkurunziza batamushigikira kumanyanga yakoze nisentare yi we nakarwi kiwe bahisemwo kunwa amaraso ya banyagihugu? abategetsi bomuri Afrika numwe ninusu uzosanga akurikiza amategeko. kuko nabantu bashima kwama batambirwa nabo atamigambi bafise.

  • nimwirambire!Nykubahwa ndazi ivyiwaw vyama bigenda neza!

  • EE NIMESHA WAAMBIA MIE UKIND UGARAMYE WUBAMA UVUGAY AMUHE SHAHURIYAKO AMATORAZOGEND ANEZACANE.UWO NINYAKUBAHWA YARIVUMEREYE BA SIND UMUJARERO NTAKUNDI NIMUGARAME MWONKWE KUKO MANDA YANYU NTIRAGERA ICONINKIC AYI BWABUNDI NKURUNZIZA ARAZI GUSIGATUR IJAMBOPE NKURUNZIZA OYEEEEE! BASINDUMUJA KOMA

  • turashimira gose kukigoro muriko mugira ko gukiza uburundi ndetse na afuka kuko mutavvuze ukuri afurika yose abiyita ngo nabatavuga rumwe nubutegetsi boca baboneraho kwama balaganya mareta yitorewe nabene gihugu bafashijwe nabo bazungu bashaka kutugumiza mubukoroni no gutwara imitungo ya furika hagara bwuma muvyanke nanyuze muratora umuti wibibazo bihanze afurika muhanura nibihugu vyitonesha kwabo bazungu mugutosekaza imitekano yibindi bihugu akarorero nu rwanda rurarembeje umutekano waka karere uburundi na kongo ndetse na tanzaniya yo ni muruhanure rwikebuke muzobba mukingiye akarere

  • komela mheshimiwa nkuruzinza wambiye wapinzani wakae kimvya turiteseka porini tawala miyaka hamusini nakupongeza wewe ni mwanaume

  • mbe abo ba : leonce ,nditije na bandi naband,i babonye yuko uwo petero nkurunziza ari icapa kuburundi ,iyo manda yiwe bamwagiriza ntizohera ,nibamurindire barye ivyo bahorako, inganda zoye kuguma zitikira, nabo bazoheza batware n’ejo canke hirya y’ejo ,ivyo vyokuguma dutumana intoki muburundi umengo numuvumo kubanyeporitike,hejuru yizo nyaga zanyu zitazokwigera zuzura mgasumbwa nabegihugu batobato turya ibijumbu tugahaga bukeye tugahiga ibindi atawe turinze kwica ivyo mugira ntimugirengo mwabitumwe n’imana ,ni mumukorere satani azobotsa wewe ntafyinata nayo uburundi twabusanzeho tuzobusigaho

  • NONEKO JAKOB BUZUMA YAVUZEK ATAKUVUGA KUKIJANY NA 3ème MANDAT KAND ARIYO ITEY INGORANE NONE YOBA AMUSHIGIKIYE CANKE NUKWANKA KUVUGA AHAHAGAZ NEZA NA NEZA?

  • hemwe mu Burundi turacafise ibibazo. mugihe muzokwamana imbonerakure, ivyumavyindege,... ntamahoro tuzoronka. mugihe tuzokwamana abahutu, abatutsi n’abatwa nta mahoro tuzoronka. mugihe tuzokwamana ubusuma, igiturire nta mahoro tuzoronka. ivyo vyosi vya za manda ya 3, abatera amagrenade eka nindi mirwi yosi ni ingaruka zivyo navuze. tuzokwama turi inyuma y’ayandi makunhemwe mu Burundi turacafise ibibazo. mugihe muzokwamana imbonerakure, ivyumavyindege,... ntamahoro tuzoronka. mugihe tuzokwamana abahutu, abatutsi n’abatwa nta mahoro tuzoronka. mugihe tuzokwamana ubusuma, igiturire nta mahoro tuzoronka. ivyo vyosi vya za manda ya 3, abatera amagrenade eka nindi mirwi yosi ni ingaruka zivyo navuze. tuzokwama turi inyuma y’ayandi makungu

  • IVYO VYOKUBA YAKUYEMWO IVYAMANDA YAGATATU 3 YA PETERO NIVYO NUBWO ARIYO NTANDARO YAVYOSE NTIMUBE NKABABAGORE BABIRI UMWE UMWANA WIWE YARI AGIKOMEYE UWUNDI NAWE UMWANA WIWE YAPFUYE BAJA KUMUCAMANZA UMWE AVUGA UMWANA AKOMEYE KWARI GWIWE UWUNDI AKAVUGA KWARI GWIWE UMUCAMANZA ACA AVUGA NGO AZANE IGIPANGA AMUBAGABURIRE UMWE TI EGO UWUNDI YUNVA IKIGOGWE CAWAMWANA BAGIRA BICE ACA AVUGA NGO SIGAHO TUZOHURA ANDAMUTSE ARIKO MUMWISHE SINOSUBIRA KUMUBONA UKUNDI WAMUCAMANZA ACA AVUGA KO UMWANA ARI UWUWO YAGIZE IKIGOGWE WAMUVYEYI ACA ATSINDIRA UMWANA WIWE GUTYO

  • Ba Sindumuja ahubwo nimutekereze, mureke kwicisha abenegihugu n’ayo magetenade yanyu. Erega amakungu yaramaze kubahinyura, baramenye ko ata kindi musigaye mukoresha Atari ibinyoma vyambaye ubusa. Mwarumvise rero ko iki kiringo bacemera. Nimutekereze rero tubatware kugeza aho Yesu azogarukira. Kandi baca umugani ngo: "Ukudahan’imbga birwiz’imisega ariyo Mujeri." Ubu ntituzosubira kubakinisha, kuko ntawukinish’inzoka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.