IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iyugururwa icese ry’ikigo c’imyuga i Muramvya

Iyugururwa icese ry’ikigo c’imyuga i Muramvya

mercredi 23 Gitugutu 2013

Ikigo gitanga inyigisho z’imyuga caruguruwe ku mukuru w’intara ya Muramvya. Ico giko kikaba cuguruwe icese n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire hamwe na Rudy Demotte, umukuru w’ishirahamwe Wallonie Bruxelles.

Ikigo c’imyuga gifise ibisata bitandukanye, nko kubarira, gusudira, kubaza, kwubaka, ivyo gukora amazi, eka n’ibindi bijanye n’ivyo caruguruwe icese i Muramvya.
Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ibirori vyo kwuguruza ico kigo gishasha c’imyuga, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, yarasavye abagiye kuronkera inyigisho muri ico kigo ko bobungabunga ibikoresho vyico kigo kugira bizofashe benshi bashoboka.

Ico kigo gitanga inyigisho nkarishabwenge cubatswe ku mafaranga agera k’umuriyaridi umwe w’amafaranga y’amarundi. Ishirahamwe rya Wallonie Bruxelles rikaba ariryo ryafashije kugira ico kigo cubakwe. Rudy Demotte arongoye ishirahamwe Wallonie Bruxelles yasavye ko hokomezwa ubucuti n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ububirigi.

JPEG - 164.3 ko
Gerevazi Rufyikiri, icega c’umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire

Imbere yuko ico ikigo cugururwa icese, harabaye umubonano hagati y’icegere ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri, umushikiranganji w’imigenderanire hamwe n’umukuru w’ishirahamwe Wallonie Bruxelles. Muri uyo mubonano, Gerevazi Rufyikiri yabwiye abanditsi n’abamenyeshamakuru ko bariko bavugana ibijanye n’ibibazo bisanzwe biraje inshinga abanyagihugu bo mu ntara ya Muramvya. Ni nk’ibibazo bijanye n’uburimyi, ibijanye n’itituka ry’ibidukikije n’ikibazo kijanye n’ivy’amasoko ntanganguvu.

Mwokwibuka ko iyo ntumwa ya Wallonie yari imaze kwakirwa na nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, ibiyago vyabo bikaba vyari vyerekeye ibijanye no kwitegurira amatora yo mu 2015 hamwe n’ibijanye naho ibikorwa bigeze mu migambi y’ubutunzi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.