IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Baptiste BAGAZA azoshingurwa i Bujumbura

Jean Baptiste BAGAZA azoshingurwa i Bujumbura

samedi 14 Rusama 2016, par egide

Colonel Jean Baptiste BAGAZA yahoze arongoye Uburundi azoshingurwa i Bujumbura, i Kiriri, muri Vugizo ku rugo iwe. Bitegekanijwe ko ikiziga ciwe kizoshika ku kibuga c’indege ca Bujumbura mw’ijoro ryo kuri uwu munsi w’Imana, igihe c’isaha zibiri z’ijoro, gice kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro KIRA.

Nk’uko tubikesha umurwi uriko utegura ibirori vy’ukumushingurana iteka, ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Rusama 2016, hazoba ibirori vy’ugusezera uwo munyecubahiro mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ariko ibirori nyezina vy’ukumushingura bikazoba ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 17 Rusama 2016, bitanguzwe n’inkuka y’imisa izobera ku Cathedral Regina Mundi, isaha zitatu z’agatondo.

Colonel Jean Baptiste Bagaza yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi yitavye Imana mu gatondo k’igenekerezo rya 4 Rusama 2016, inyuma y’iminsi yari amaze arwariye mu bitaro vyitiriwe umweranda Elisabeth biri mu gisagara ca Bruxelles, mu Bubirigi. Colonel Jean Baptiste BAGAZA yasezeye isi ku myaka 69.


IGIHE

Messages

  • narabonye ko ibarabara rija kurugo iwe ryakozwe. ariko ikibabaje, n. uko mwaryubatse yapfuye ariko we yayabubakira mukiriho.

  • Imana imwakire mu bwami bwayo.

  • IMANA IKWAKIR MUBWAMIBWAYO WEW URUMUGABO UTATWAJ IGIKENY

  • NIYIRUHUKIRE AMAHORO IMANA IMWAKIRE ABATEGETSI NIBAMWIGIREHO MUGUTEZA IMBERE ABARUNDI

  • Tugire Christu,ni ngabirano nyinshi za Mutima-Mweranda!!!!!!!!!!!
    Nongeye kwihanganisha,umuryago wa nyakubahwa Président Jean Bapiste Bagaza.Kandi nifanije nuyo muryango muguherekeza uyo muvyeyi niyigendere amahoro!!!.Ikindi nagirango dusangire ubutumwa adusigiye mur’iyiminsi twari tumaranye nawe mur’ikigihe camasaba MANA yimsi 9 jewe yansigiye ibitangaro bitarike nzohora ndamwibukirako,kandi bizontuma kumusaba nk’Umweranda;Namwe umuryango wiwe,incuti naba genzi biwe ntimwirekure cane mumubabaro kuko Président jean Baptiste BAGAZA ubu yaramaze kwicara kuntebe yiwe mu bwami bw’ijuru;hano ku isi dusigaranye ico cibutso ciwe kizoja i Burundi gushinguranwa iteka kugirango a Barundi tuzohore twibuka amateka yiwe.Nimuze rero dushire inguvu hamwe mugusengera indege izomurerura kugirango izomurerure neza imushikirize Uburundi bwa mwibarutse.Jean Baptiste Bagaza Dusabire!!!!!!!!!!!!! Amen Alléluia.

  • BAGAZA,YARIUMUGABOIMANAHMWAKIREYAKOREYEIGIHUGUVYNSHI

  • BAGAZA,YARIUMUGABOIMANAHMWAKIREYAKOREYEIGIHUGUVYNSHI

  • None Nina atamutekano bamuzanye gute.sivyiza KO hataha ibiziga nibaze Bagikomeye.mubutu yahambwe mumahanga kubera umutekano Mike.ariko abarundi baza guhamba bagaca basubirayo.ni inkina mico

  • nyarutsa murekekumutobanga mukigobe ndazikonkurunziza ntaribuhaze koyahunze muzobamuraba!?Yarintwariniyigire

  • NIYIRUHUKKIRE,IMIBABARO.YOMWISI.NOMUBURUNDI.IMANA.IMWAKIRE.AMEN

  • Yezu yabonye abagore bamuririra, munzira y’umusalaba, aca arahindukira ababwira ati : Mwabagore mwe, reka kundirira, ni mwiririre mwebwe n’abana banyu. Jean-Baptiste BAGAZA nibaza ko yovuga la même chose que Jesus-Christ tous deux sont des Hommes libres. Ushaka gushemeza Bagaza, nagere ikirenge muciwe, mugukunda no gukorera Uburundi muntumbero y’amahoro n’ibikorwa, bituma twova mu Mwijima turimwo muriki gihe ca none. Inka ngo yavyaye muci, iti ahanje ndahejeje, hasigaye ah’Umwungere. Mukama Yezu, Turokoz’Amahoro, abantu turayashonje, Prince Louis Rwagasore na Jean-Baptiste Bagaza, dusabire. Amen

  • IMANA NIMWAKIRANE ITEKA YAKOZE BAGAZA YARAKUNDA IBIKORWA

  • Twifatanije N’umuryango Wiwe Abarundi twese turababajwe n’urwo rupfu. Imana imuhe iruhuko ryiza.

  • Imana Nimwakire Kuko Ntacaha Kimwagira Nkabanda Ba President Bagaza Yarumugabo Wijunja Nijambo Uburundi Burabuze Nibwigumwe Nantakundi Nikobigenda

  • Imananiwakirane Iteka.Kukoyakozevyinshikandivyiza,naberenabandi akarorero Abandibarikobaratwarabose.Murakoz

  • IMANIMWAKIREMUBWAMIBWAYO ITEKARYOSE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.