IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Juvent Nduwimana yashikiye mw’igendereza ry’Uburundi

Juvent Nduwimana yashikiye mw’igendereza ry’Uburundi

samedi 4 Ndamukiza 2015, par Egide N

Juvent NDUWIMANA, umukozi w’urwego rw’igendereza aheruka kwiyemerera ko yakoreshejwe muri bwa bwicanyi bwakorerwa Ababikira batatu b’Abatariyanokazi bo kuri Paruwasi Guido Maria Conforti mu Kamenge yashikiye kuri uwu wa gatanu mw’igendereza ry’Uburundi, avanywe muri Somaliya muri AMISOM aho yari yararungitswe mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro muri ico gihugu. Amakenga ni menshi mw’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe.

Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe, akagira amakenga ko mu rwego rw’igendereza aho Juvent Nduwimana yashikiye bashobora kumuhinduza ivyo yiyemereye, ariko Petero Karaveri Mbonimpa akamenyesha ko naho vyoshika akabihindura, ivyo yamaze kuvuga bazoraba aho yabivuze abikuye, ubutungane butohoze namba vyarabaye. Nk’uko uwo arongoye APRODH abivuga, no muri sentare birashika umuburanyi agahindura ivyo yari yaravuze, ariko umucamanza aratora aho ukuri kuri, kuko iyo ibintu vyamaze kuvugwa neza, uwabivuze akabidondagura neza ata gasunikano, ata n’umwe amuhagaze hejuru, ariko mu nyuma akabihindura, vyose biraboneka kuko atawuhisha ukuri aho kuri, ikinyoma naco kikaba cama ari ikinyoma.

Tubibutse ko inyuma y’umuporisi azwi kw’izina rya "Mwalabu" yaheruka kwiyemerera ko ari mubishe ba babikira b’Abatariyanokazi, Juvent Nduwimana yagize kabiri yiyemereye ko yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi nyene bwakorerwa Ababikira batatu b’Abatariyanokazi ko kuri Paruwasi Guido Maria Conforti mu Kamenge.

JPEG - 165 ko
Ababikira Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75

Juvent NDUWIMANA avuka muri TEZA mu Kamenge, nk’uko avyivugira, amenyesha ko we n’umuporisi "Mwalabu" batanguye kubatumako mu ntango z’ukwezi burya bwicanyi bwabereyemwo, akaba yitavye Major Joseph Niyonzima batazira "Kazungu", bajana ari babiri n’uwo "Mwalabu" kuko ari nawe yamubwiye ko bamutumyeko, ko hari ico bamukenereye.
Bompi basanze Major Joseph Niyonzima batazira "Kazungu" aho yariko arubakisha inzu, inyuma ya Sokariti, bavugana ari batatu gusa, ababwira ko mu masaha aza kuza, ahava abarondera, ariko ntibabwirwa igikorwa bahava bahabwa. Bagumanye amakenga, ariko umwe muribo (Mwalabu) akaba yari yamaze kubwirwa na "Kazungu" ko ivyo bashaka gutumwa bifitaniye isano n’ababikira b’abazungukazi boba bafise ivyo bazi mu bikorerwa muri Congo.

Juvent Nduwimana amenyesha ko inama ya mbere ya bose yabaye igenekerezo rya 6 Nyakanga 2014, ikaba yabereye mu bunywero "Iwabo w’abantu" bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, nawe nyene yari muri iyo nama. Abandi bari bayitavye akaba ari Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge, umuporisi Ayubu, hamwe n’umuzungu azwi kw’izina rya Claudio Marano yahora arongoye ikigo Centre Jeunes Kamenge, ariko Juvent Nduwimana akemeza ko Claudio Marano atamaze umwanya munini muri iyo nama.

Juvent NDUWIMANA amenyesha ko iyo nama yabaye we na "Mwalabu" bari ukwa bonyene ku ruhande, mu nyuma "Kazungu" ari kumwe na Guillaume Harushimana baca barabahamagara bababwira ko igikorwa bagira bahabwe ari ico kugandagura ababikira Lucia, Olga na Bernadetta.

Imbere y’uko ubwo bwicanyi bw’abo babikira batatu b’Abatariyanokazi buba, Juvent NDUWIMANA amenyesha ko yamye akoreshwa mu bindi bikorwa yita ama "Missions", nk’iyo hari nk’ibikorwa vy’ubwicanyi bakaba bamwikorako. Mu bakunda kumutumako bamuha ivyo bikorwa akavuga Général Adolphe Nshimirimana, hamwe na Général Ndirakobuca Gervais batazira "Ndakugarika".


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.