IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kabayabaya: "Nta tegeko ririko rirubahirizwa ku bagerageje gutembagaza (...)

Kabayabaya: "Nta tegeko ririko rirubahirizwa ku bagerageje gutembagaza ubutegetsi"

vendredi 17 Mukakaro 2015

Umushingwamanza Onesime Kabayabaya amenyesha ko bamwe mubo aburanira bari mu bshatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015,avuga ko uburenganzira bwabo aburanira bwahonyanzwe kuko batararenguka imbere y’ubutungane.

Kubwa Onesime Kabayabaya,amategeko ategekanya ko kuva umunsi umuntu ahagaritswe ,umushikirizamanza afise iminsi 15 kugira barabe ko uwo yafashwe aguma aburana apfunzwe canke ko aburana yidegemvya.

Onesime Kabayabaya amenyesha ko mu gihe ibintu vyoguma bimeze ukwo,amaherezo nuko iyo abategerezwa kwubahiriza amategeko batabikoze,vyerekano ko hari intwaro mbi,itubahiriza agateka ka zina muntu.

Onesime Kabayabaya asanzwe aburanire Syrille Ndayirukiye na Kazungu Michel bose bafashwe inyuma y’iminsi ibiri habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uyo Ntawe Araburanira Ngo Atsinde N.Umumunyamanyanga Gusa

  • INTWARO MBI IRAHARI NYENE.ARIKO ABASHATSE GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BATEGEREZWA GUFUNGWA KUKO NABO MUGUTEMBAGAZA UBUTEGETSI NTA TEGEKO NA RIMWE BISUNZE KANDI NI UMUGAMBI UGAYITSE.

  • INTWARO MBI IRAHARI NYENE.ARIKO ABASHATSE GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI BATEGEREZWA GUFUNGWA KUKO NABO MUGUTEMBAGAZA UBUTEGETSI NTA TEGEKO NA RIMWE BISUNZE KANDI NI UMUGAMBI UGAYITSE.

  • Uwokubona amazuru yogira ngo urumuntu! ahubwo nawe bakwinjize uraga pu!

  • None azobaburanira avugako bababeshera?Ntiyirigwe arata umwanya wiwe,nareke babacire urubanza bakwiye kuko iyo IMANA idakinga twagire tugwe mumanga.

  • ivyo vyiyumviro vyanyu biragayitse caaane. Kuko bisa naho murikumwe niyo ntwaro y’amasiha yirigwa irahonyanga agateka ka muntu. Kwonona ubuzima bwakiremwa muntu, abarundi turazi iyo leta yanyu bitigeze biyigwa nabi. Imana ihora Ihoze.

  • oya suko uwanka gutwangwa ninzego twitoreye name ngaho anime kuko ntaco aba amaze,kuva 1959 batwicayeko!mbabazwa nabata igihugu cabibarutse NGO batere intambara!muramenyko twembwe abanyagihugu tutayemera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.