IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kahise kerekana ko urwaruka rwamye ruhendwa kuva Uburundi bwikukiye

Kahise kerekana ko urwaruka rwamye ruhendwa kuva Uburundi bwikukiye

mardi 29 Ndamukiza 2014

Kuva mu mwaka w’1962 Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, intwaro zagiye zirakurikirana ku butegetsi zamye zikoresha urwaruka mu bikorwa vya poritike bigayitse vy’inyungu z’abanyeporitike. Mu gihe kahise kerekanye ko amaherezo yabaye mabi kuri urwo rwaruka, mw’ishirahamwe FOCODE bahamagarira abo bakoreshwa guharanira mu migambi y’imigambwe kuraba ikibanza bafise muri kazoza.

Intwaro zose zatwaye Uburundi inyuma y’ukwikukira zarakoresheje urwaruka mu nyungu za poritike zitandukanye na kazoza keza k’abo bakoreshwa, kandi ntibasubire kwibukwa. Nk’uko vyagiye biraboneka ku ntwaro zitandukanye, urwaruka rwakoreshejwe rwaherejwe mu mabohero, abandi bacika abasazi, abandi nabo bihebeye ibiyayura mutwe bicwa n’urumogi. Mw’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et Développement) batunganije inyigisho ku rwaruka rwo mu migambwe kugira bereke urwaruka ingene muri kahise abakiri bato bamye bahendwa, ariko abanyeporitike ntibashire mu migambi inyungu z’urwaruka mu bijanye n’ukuronsa ubuzi urwaruka, hamwe n’ugushikira imigambi y’iterambere.

Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE amenyesha ko urwaruka rwama ruhendwa bivuye ku kutamenya kahise, bagakoreshwa bahendeshejwe amafaranga canke inzoga, bakibagira ko abo baba bariko barakorera bataberetse inyungu za kazoza bariko barabategurira. Mu gihe Uburundi butera bwegereza amatora, Pacifique Nininahazwe yagarutse ku biyita Aba JNR mu mwaka w’1965, abiyita JRR mu mwaka w’1972, aba Sans Echec, Sans Défaite n’aba GEDEBU mu mwaka w’1993, bose bakoreshejwe mu bwicanyi. Abariko bakoreshwa muri iyi myaka, bofatira ku turorero twabo ba mbere bahereje mu mabohero, abandi bararaswa, rimwe na rimwe mbere ababatumye akaba aribo babikiza.

JPEG - 65.2 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE

Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE ahamagarira urwo rwaruka rumaze iminsi ruvugwa ko rutana mu mitwe, ko rwavavanura n’ukutamenya, rurengere ubukene buri mu gihugu, hako rwohendwa rukica benewabo, ahubwo rubwirize abanyeporitike ko mu matora yimirije, imigambi yoshirwa imbere yogaruka ku bibazo vy’ubukene bw’urwaruka.

Ishirahamwe FOCODE ryatunganije izo nyigisho ku rwaruka rwo mu migambwe mu gihe kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2014 ari umunsi udasanzwe, Uburundi bwibuka imyaka 42 iheze habaye ubwicanyi bukomeye bwahitanye abantu benshi, n’umwami wa nyuma w’Uburundi Ntare wa 5 Ndizeye Charles aragandagurwa arimwo. Pacifique Nininahazwe yaboneyeho akaryo ko gusaba abategetsi ko amatohoza yokorwa kugira ukuri kumenyekane, bongere bashinge uwo munsi w’igenekerezo rya 29 Ndamukiza nk’uwo kwibuka abarundi isinzi baguye muri ubwo bwicanyi. Kubwa Pacifique Nininahazwe, ubwicanyi bwabaye bwasa n’ubwari bwateguwe, ari naco gituma amatohoza yokorwa kugira abavutse mu nyuma, bagakura babwirwa ko ivyabaye ko ari Ikiza co mu mwaka w’1972 bamenye ukuri. Nk’uko abandanya abimenyesha, ukuri gukwiye kuja ahabona kuko ntawovuga ko ivyabaye mu mwaka w’1972 ari Ikiza, nk’uko umenga ni imvura idasanzwe yaguye uwo munsi, canke nk’uko umenga ni ikintu coba caraguye ku gihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • mbega yemw kurwaruka duhendwa nabatama nabatamakazi bironderera inyungu zabo amatora aheze ntibatwibuke aha ntiboza tukubaka ubund bwacu twirind abaducamwo imirwi?nkimbonerakur bahenda ngobazoha akazi babandanya biba abategtsi bamw bamw babandanya biba igihugu ubuzi bazobukura h?nibibuk kahis bategur kazoza

  • Erega Pacifique ntuvuge ngo ni imigambwe iba iri ku butegetsi gusa niyindi migambwe nayo nyene ni uko. Au Burundi nubu nawe urabibona turetse imbonerakure, urabona nkakarorero muri MSD ko babakoresheje nabi. Nuguhanura bose guko ahanini urwo rwaruka barufata nkinkinzo, guko barya babatumye bobo umengo keshi ntibanakorwako ibishika vyose bishikira urwo rwaruka nyene. Izo mpanuro zari nziza mugabo nuko umengo uhanura uruhande rumwe namwe urwo rwaruka rwanyu rwo muri opposition mukarwibagira. Izo ntwaro za kera nazo witwaza kugira werekane ko umengo uri neutre ivyo bakora ntibabikora ubona wavuze iki ? Ubu kuko uri muri opposition niho ubonye abo uha impanuro. Hera mu ruhongore iwanyu.

  • Pacifique wewe na ka vital nambonimpa,nuko twanka kwiyononera amatora kandi tubona ko tuzoyatsinda twobabohe utubido twamazi kumavya kumwe kwa KADEGE ndazi ko mutopfuye musubiriye irementanya.yaba murabandi mwoterefona kadege mukamubaza.mukabona amotora araheze niho muzobona koko ko DD turabana bintambara.izo mpanuro zanyu zigumwe canke muzehe abo mu kibiri muriko murafasha!!twe imbonerakure zigira kumategeko zihabwa nabazitwara.ne nkokubo mwirigwa murayerera mububare muraba ababorewe bagwana kigira muvu kwarimbonerakure aho ntasoni mugira?mukemeza onu kwiho zatanzwe aho ntimumaramara?ndagaye adolphe kuko ntagikora akazi neza ubu mwese muba muboye utu bido twamazi kumavya

  • Pacifique twashaka kwogera kukubwirako ivyabaye murikahise ngahamu Burundi turabizi kovyaribibibi, nambakandi ushimye gukebura abariko baratwara uyumusi navyo urabifitiye uburenganzira nkabandibarundi, Ariko jewe nama nakwumvirije sindigera numva icuhanuru iyimigambwe yaba oppose kubarero utubahuka ngonabo ubakebure kubijanye namakosha birirwabakora bitwerekako urumwe mubashigikiye aboba Oppose arinacogituma bizokomezakungora kukwita uwudaharanira ivyicaro vya politique, kandiwewe Pacifique ndaguhaye imyaka 5 uzobawaramaze kuba umwemubagize inzego zumugambwe umwe ngaho mu Burundi ubonako nubu wamuriko iratanga ivyiyumviro kumugambwe ntavuze maze ukacuwubwirako nawe uzogira icubivuzeko ubicishije mwicowise FOCODE ngwamakungu nabarundi nibumva ibivurwa nimigambwe ngwakongera akumva natwe abiyita abadaharanira ivyicaro muri reta tuvuga ibihura namwe banyamigambwe ngobazorushaho gukura icizere kuruyumugambwe CNDD FDD usanuwigaruriye abarundibose ngokumbure vyozodufasha kuwukurako icizere.

  • uyumu tiype arashaka kwiyegereza impfuvyi za ngo zikunde zimwumve neza. eweee mbega wibagira ko twumva amajambo wirigwa urashikiriza kumaradio? mbega wibagiye ko ushaka ko amatongo yacu ctb yariko igerageza kudusubiza twasigiwe nabavyeyi ko tutayasubiza? emama ngo tugabane emama ngo leta niturabire munyovu yamatongo yareta amatongo yibigazi nibitoke ya ba data tuyabona ... mhuuuuu turakuzi nabagushigikiye nta mpfuvyi ya 1972 izotora abomushigikiye turabazi rindira ntihazobura abahahamuka 2015

  • Mutama iyufashe ujambobuvugankumuntu akubandi ivyabay 1972 nivyatumye nuyumusi nkiri impunzi kandi nivyovyatumye uprona icanamwo cndd fdd nibirebire harya uyomashirahamwe nibamwayashinze ngomuzemurakokumitima yimpfuvyi muragowe carafashwe nabeneco tekereze canke muhunge

  • Wapi abo bagabo bane wavuze: Rufyiri, Pacifique, Vital, na Mbonimpa, sinzi vyukuri ikintu bashakira igihugu. Ariko ikintu no babwiraho, ntibaze bigere biyumvira ko abahutu bi Burundi bazoshira inkoho kumugongo bagatemaguza nkuko vyagenze aho hakurya. Kirazira. Avyabahe kwabo bohakurya vyabahaye icigwa gikomeye

  • nn ubu reta iriko irateguririki urwarvka kugra ruronke akazi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.